Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Akamaro k’ubuki ku magara y’abantu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Akamaro k’ubuki ku magara y’abantu

Akamaro k’ubuki ku magara y’abantu

lundi 17 Ruheshi 2013

Ubuki si ugusosa gusa canke uburyohe bwabwo, ariko burafise akamaro kanini mu mubiri cane cane ubuki budahinguye, bw’ikirundi. Bushobora gukoreshwa muri vyinshi

Ng’ibi bimwe bimwe :

1. Burakoreshwa mu cayi mu kibanza c’isukari kubera bwifitiye isukari kandi isukari yabwo nta ngaruka ku magara y’umuntu.

2. Buratezurira umuntu arwaye ibicurane canke inkorora kubera bufise ibintu vyitwa mu gifaransa « Antioxydants », bibuza imigera yizo ngwara kwongerekana.

3. Buratezura ingwara zo mu muhogo zifatanye n’ibicurana n’inkorora kubera burabombeka mu mihogo ariko si bwiza ku bana batarakwiza umwaka. Burashobora kubatera ingwara yitwa « botulisme infantile »

3. Buragabanya inzoga mu gitigu. Iyo umuntu yaraye anyoye inzoga nyinshi, gufungura ubuki mu gatondo ni vyiza kubera buragabanya inzoga mu mubiri.

4. Uwufise ingorane y’itiro nawe buramufasha, bikunze ko ugira uje kuryama ufata ikirahuri c’amata gicanze n’ubuki buke imbere yo kuryama, bituma umubiri ugira ubushuhe bukwiye.

5. Buratanga inguvu mu mubiri na cane cane abakunda kwumva ata nguvu barashobora gufata ubuki mu kibanza co gufata ibintu birimwo isukari ihinguye.

6. Burafasha kurwanya ibisebuzi iyo umuntu yahiye canke yakomeretse. Kera kwa muganga bahora bakoresha ubuki ku bushe butari ubwa cane. Uhiye rero ntuze utinye gushirako ubuki mu gihande cahiye.

7. Buratuma umubiri n’imishatsi biremba, ubuki iyo ubucanze n’amavuta bitanga isabune y’umushatsi ariyo shampoo. Mu maso naho, uwubwisize akamara umwanya muto buratanga umubiri uremvye.


Dorine Irambona

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.