Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Akamaro ko gufungurana umutima mu nda - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Akamaro ko gufungurana umutima mu nda

Akamaro ko gufungurana umutima mu nda

lundi 6 Nzero 2014

Nk’uko vyerekanywe mu cirwa cakozwe n’ikigo c’abanyamerika "Academy of Nutrition and Dieteics", mu kinyamakuru gisohoka ku rubuga ngurukanabumenyi, gufungura umutima utekanye biri mu bituma ibiro vy’umuntu bitaduga uko vyishakiye.

Ni icirwa cakozwe n’umurwi w’abashakashatsi bo kuri kaminuza ya Texas "Texas Christian University" ku mirwi ibiri y’abantu bagera kuri 30, umurwi w’abasanzwe bafise ibiro bigereranye n’uwundi murwi w’abafise ibiro birenze urugero.
Iyo mirwi y’abantu yagizweko icirwa, yabanje gusabwa ubwa mbere gufungura itekanye, umutima uri mu nda, kuhekenya no kumira yitonze. Hageze kandi gufungura, iyo mirwi ibiri nyene y’abantu ica itangura gufungura inyarutsa. Aho hose, abo bantu bari bafise akaryo ko gufungura uko bavyipfuza.

Abashakashatsi bariko baragira ayo matohoza ku bijanye no gufungura, basanze umurwi w’abantu bariko bafungura batekanye, binjiza mu mubiri amakarori makeya, bigatuma n’ibiro bitaduga. Ni ukuvuga ko hagabanuka ama karori agera kuri 88 ku bafise ibiro bigereranye, hamwe na 57 agabanuka ku bafise ibiro birengeje urugero.

Abo bafunguye umutima utekanye, bakavuga ko mu gufungura kwabo bitonze, ikigumbagumba (sensation) co kwumva ko bahaze kimara umwanya muremure, ivyo bigaca bibatuma batipfuza kuguma batoragura umwanya wose inyuma yo gufungura indya zikwiye.

Abashakashatsi bakaba bemeje neza ko gufata umwanya ukwiye wo gufungura, ugafungura umutima utekanye, biri mu bituma ibiro vy’umuntu bitaduga uko vyishakiye bisunze ubushakashatsi bagize. Bagahanura abantu bose guha agaciro gufungura ku mwanya kuko iyo bitabaye uko, niho haca haduka n’ingeso yo gutoragura ku mwanya ku mwanya, bigahava bikazana n’izindi ngaruka zitari nziza ku magara y’abantu.

Mwokwiba ko kugira ibiro birengeje, biri mu bitera ingoranye nyinshi haba ku magara y’abantu, canke mu mibereho ya minsi yose.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.