IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Akamo k’amashure afise uburaro bw’abanyeshure kumvikanye

Akamo k’amashure afise uburaro bw’abanyeshure kumvikanye

mardi 7 Nzero 2014

Igice ca kabiri c’umwaka w’ishure w’2013 ushira uw’2014 caraye gitanguranye ingorane nyinshi mu mashure, cane cane amashure afise uburaro adafise ubushobozi bwo gufungurira abanyeshure, hamwe n’amadeni y’ibirarane amashure afitiye abahora babaha imfungurwa. Mu bushikiranganji bw’amashure mato mato n’ayisumbuye bararemesha ko mu minsi itarenga itatu, amafaranga yo kugaburira abanyeshure bo mu ndaro azoba yashitse ku mashure.

Ku munsi w’ejo kuwa mbere, abanyeshure bo mu mashure mato mato n’ayisumbuye baratanguye igice ca kabiri c’umwaka w’ishure. Abayobozi b’amashure afise uburaro bw’abanyeshure bamenyesheje ko badashobora kuronka ingene bafungurira abo banyeshure kuko ata buryo bari bwahabwe. Bamenyesheje kandi ko bagire guhura n’ingorane y’uko n’abo bokwikozeko mu basanzwe babazanira imfungurwa babafitiye imyenda y’ibirarane. Mu bushikiranganji bw’amashure mato mato n’yisumbuye ntibatevye guhumuriza abo bayobozi, babamenyesha ko ayo mafaranga agiye kubashikira mu kiringo c’iminsi itarenga itatu.

Anatole Niyonkuru, umuyobozi wo mu bushikiranganji bw’amashure mato mato n’ayisumbuye yamenyesheje ko bamaze guha uburenganzira (ordre de virement) ibanki nkuru y’igihugu kugira ishobore kurungika ayo mahera ku makonte y’amashure asanzwe afise uburaro. Anatole Niyonkuru asaba abo bayobozi gutenyenya kuko mu minsi itatu gusa ayo mafaranga azoba yashitse ku mashure.

Ku kibazo c’ayo madeni y’ibirarane, Anatole Niyonkuru amenyesha ko ayo mafaranga bagiye kurungikira ayo mashure azoba ari ayo gufungurira abanyeshure gusa, hama ikibazo c’ayo madeni kikazotorerwa inyishu hanyuma n’ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta, inyuma y’icegeranyo ubushikiranganji bw’amashure mato mato n’ayisumbuye buheruka kurungikira ubw’ikigega ca Reta, ku bijanye n’urutonde rw’amashure aheranye, n’amafaranga ayo mashure aheranye uko angana.


Egide Nduwimana

Messages

  • Ni nk’abo ba bagabo b’aba DD..!!
    Mbe ni kubera iki murindira ko abantu bakoma akaruru? Murayobewe ko urwo rwaruka burundibwejo bwama bubahanze amaso? Ivyo birarane vy’amahera ya barundi ......... Heeee les gars, "les bons comptes font de bons amis"?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.