Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Akarere’’Pays de la Loire’’ bahagaritse imigenderanire n’Uburundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Akarere’’Pays de la Loire’’ bahagaritse imigenderanire n’Uburundi

Akarere’’Pays de la Loire’’ bahagaritse imigenderanire n’Uburundi

jeudi 7 Rusama 2015

Ibihe Uburundi buriko buracamwo bizoshobora gutera ingorane y’aba ku migenderanire ndetse no k’ubutunzi bw’igihugu. Aho ni mu gihe akarere ka Pays de la Loire gaherutse kumenyesha ko bahagaritse imigenderanire n’igihugu c’Uburundi.

Bisunze icuka kibi ndetse n’umutekano muke urangwa mu Burundi, akarere ka Pays de la Loire bafashe ingingo yo guhagarika imigenderanire bari bafitaniye n’igihugu c’Uburundi.

Akarere ’’Pays de la Loire’’ n’Uburundi bari batanguye imigenderanire yabo mu mwaka 2008, ariko bisunze icuka kibi ca poritike kiri mu Burundi hamwe n’ubwicanyi buriko bubera mu gisagara ca Bujumbura, Umukuru w’akarere ka Pays de la Loire, Jacques Auxiette hamwe na Jean-Noel Gautier, Umukuru w’umurwi mpuzamakungu baciye bafata ingingo yo guhagarika imigenderanire n’igihugu c’Uburundi.

Baramenyesha ko iyo ngingo ibabaje ariko ko niyo ibintu bitasubira mu buryo kugira ibikorwa vyo mu karere bibandanye, bazoca bahagarika burundu imigenderanire ndetse n’imfashanyo zari gutangwa.

Tubibutse ko imyiyerekano iriko iraba mu gisagara ca Bujumbura no mu ntara zimwe zimwe zo mu gihugu hagati yatanguye inyuma yaho umugambwe CNDD-FDD yemereje izina rya Petero Nkurunziza ngo aze abaserukire mu matora yimirije.


IGIHE

Messages

  • PAYS DE LA LOIRE!!!! iGUME IWABO NTIHAZOGIRE NUMUZUNGU WABO AHONYOZA AKARENGE MUIHUGU CUBURUNDI.Bati bahagaritse imfashanyo bahora baduha.
    Nimba hari ikivumvu c i bijumbu batuye aha baragaruka.naho nimba ari amaso bahora baha abarundi baragumana imana izoyazana i burundi

  • Uragakubitwa ninkuba wa kinwamaraso we Mpangaje mwabicanyi mutagira umutwe Imana buca ibamaramaza mwa nyma mwe

  • Nimuhavarike nimwashaka muzogaruka cankemureke ntacoduhindura twarababwiyeko ivyodukoravyose twisunga amategeko mugihe mutatwumvira mukunvira ababahenda ntitwobahatira nimugende.

  • Iyi mihimbiri mutazi ico mukora. Ubwo amakungu yoheba Uburundi mwoheza mu karoka ivyo musakira? Tout le monde sait que vous vous accrocher au pouvoir pour bouffer seulement. Vous avez intérêt de respecter les lois et les droits humains. Sinon nzoraba ikibatunga ko mbona mwaguye inda. Murabesha muzogenda mama yangu. Ayo mwivye aja kubaherana mpeze ndabe iyo muja. Niba hari abababesha nzoraba ico babamarira plus tard

  • Mbewew urigiki cank urasara ugomba tuj mubihano kubera umuntumwe agomba gugira inyungu ziw ok mukabona murafashwe nta kinya mwa bagomemwe

  • yoo!!tugiyekuba abande?ko bampemayuzuye badasaka kwumva impanuro bahabwa ariko amaraso ya banyokuru b’imana buca avuga batangure kunyika bataronka iyo bajana mwebwe senga imana irahinyuza.

  • emma

    jewe ngomba mvuge kuri icogihugu civumbuye ngo kirahagaritse imigenderanire yoooooo nibagende bose iki gihugu ntikikiri icabakoroni abobazungu nibamenyeko twarose intahe yo kwikukira ivyazana amagi namasoro twarabihaze.

  • Izo zose ni consequences za 3e mandat.akataraza kari munyuma reka turindire uwuramvye arabona!

  • Izo zose ni consequences za 3e mandat.akataraza kari munyuma reka turindire uwuramvye arabona!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.