Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Akigeme kacumiswe n’ikaramu y’igiti mu bwonko - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Akigeme kacumiswe n’ikaramu y’igiti mu bwonko

Akigeme kacumiswe n’ikaramu y’igiti mu bwonko

mardi 5 Ruhuhuma 2013

Abaganga baremeje ko Olivia Smith ari umwana yagize amahirwe adasanzwe kuri ino si.Uwo mwana afise umwaka n’igice yazanywe kwa muganga n’ikiramu y’igiti iri mu bwonko yamaze gutobora n’ijisho.Impanuka yatangaje benshi kandi ata n’inkurikizi mbi zahabaye.

JPEG - 25.9 ko

Ako kigeme ko muri New Boston Reta ya New Hampshire yo muri Reta zunze ubumwe bwa Amarika yarokowe kumpanuka yari gushobora guhitana ubuzima bwiwe.

Inyuma yo kunyerera avuye ku ntebe yiwe,ngo Olivia Smith yatanguje umutwe hasi aca agwa kw’ikaramu y’igiti imuzibura mujisho gushika mu bwonko,ivyo ni ibivugwa na The Huffington Post .

« Ako kigeme n‘akanyamahirwe »

« Nimba mwibaza ko umuntu yacumiswe ikaramu y’igiti mu mutwe afise amahirwe, ngo ako kigeme kagize nukuri amahirwe » ivyo ni ibivugwa numwe mubaganga bashika mirongo itanu kandi bahanitse ,muganga darren Orbach bahamagawe kwiga ikibazo ca Olivia smith.

Abahinga babaganga bahamagawe gukiza ubuzima bwako kigeme baratangajwe cane niyo mpanuka yagashikiye.Muganga Darren Orbach arongera kuvuga ati:“Iyo muza kumbaza kwicara kwi radiyo y’umugwayi hama ngo ncape umurongo uca mu bwonko uhagarika umurindi w’amaraso,nari kugira ingorane kuri ico kibazo kigoye“kuri ivyo vyashikiye Olivia Smith.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.