Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Al Jazeera igiye kwitwarira Misiri mu guhagarika imirongo yayo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Al Jazeera igiye kwitwarira Misiri mu guhagarika imirongo yayo

Al Jazeera igiye kwitwarira Misiri mu guhagarika imirongo yayo

jeudi 5 Nyakanga 2013

Imboneshakure ya AL- Jazeera yavuze ko Misiri yafashe icemezo co kwica imirongo yayo yakorerako muri ico gihugu hagati, igihe yari itanguye kuvuga amakuru anegura politike y’abavukanyi babasiramu mu kwezi kwa Myandagaro uyu mwaka.

Amakuru dukesha bagenzibacu b’ikinyamakuru IGIHE.Com yo mu Rwanda, bavuga ko umurongo wapfunzwe muri ico gihugu witwa ‘Al-Jazeera Mubasher Misr’ uri i Kayiro, ukaba ukorana n’icicaro kiri muri Qatar, mu gukwiragiza amakuru. Umurongo wa Al-Jazeera wishwe guhera igenekerezo rya 5 Myandagaro, igihe indwano n’amayegereyegere vyahitana abanyagihugu atari bake nk’uko vyavuzwe n’ubushakashatsi bwakozwe n’ikigo mpuzamakungu, c’ubushakashatsi ku buhinga Integral System Inc.

Kwica iyo mirongo vyoba vyaturutse ku kuba ubuyobozi n’ibimenyeshamakuru vya Misiri bitashimishijwe n’uko Al Jazeera ihengamira cane ku ruhande rumwe rw’abasiramu, mu gihe amaraso y’abanyagihugu yameneka, bigakurikirwa n’ukuva ku butegetsi kwa Mohamed Morsi yari aya bose. Ku mugoroba wo kuri uyu wa kane Nyakanga, niho imboneshakure Al-Jazeera ikorana n’ibinyamakuru mu gukwiragiza amakuru kw’isi, yamenyesha ko igiye kurega igihugu ca Misiri na cane cane abayobozi bakuru bakuru, ko bashaka guhisha amakosa yabo, mu gihe yagira aje ahabona.

Muri iri tangazo Al-Jazeera yashimangiye ko, igisirikare c’ico gihugu ari co kibifisemwo uruhara rukomeye nubwo bitazobuza ko uwari we wese yabigizemwo uruhara agiye gushirwa mu butungane.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.