Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Al shabaab yemeza ko yaraye itewe n’amakungu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Al shabaab yemeza ko yaraye itewe n’amakungu

Al shabaab yemeza ko yaraye itewe n’amakungu

dimanche 6 Gitugutu 2013

Intagondwa zo mu muhari wa al- shabaab zo mu gihugu ca Somaliya, zivuga ko zaraye zitewe n’abazungu bo mu bihugu vya Leta zunzubumwe z’Amerika hamwe n’abo mu bihugu vya Buraya ku birindiro vyabo biri ku cambu ca Barawe, ariko ko izo ntagondwa zabasubije inyuma.

Uyo murwi w’intagondwa za al-shaabab uvuga ko wahatakarije umusirikare umwe. Kugeza ubu nta n’umwe ariyemerera ko ariwe yoba yaragize igitero kuri izo ntagondwa i Barawe. Mu myaka iheze, abasirikare karuhariwe b’ibihugu vya Leta zunzubumwe za Amerika n’Ubufaransa bakaba barateye izo ntagondwa zo mu gihugu ca Somaliya. Ico gitero rero ntawuzi ko coba gifitaniye isano n’igitero izo ntagondwa za al shabaab ziheruka kugira mu nyubakwa y’ubudandaji ya Westgate mu gisagara ca Nairobi aho inganda zahatikiriye.

Ivyo bikaba bishitse mu gihe amazina y’abantu bane bakekwako kuba bari mu bateye iyo nyubakwa ya Westgate muri Kenya. Ayo mazina y’abo bagabo bane akaba ari Abu Baara al-Sudani, Omar Nabhan, Khattab al-Kene na Umayr. Akaba atakindi kivurwa kuri abo bagabo, uretse ko bivurwa ko iyo nyubakwa yoba yatewe n’abarwanyi bari hagati ya cumi na cumi nabatanu.

Itangazwa ry’amazina y’abo bantu bane ribaye mu gihe amashusho ya camera zicungera umutekano zari zamaze gushirwa ahagaragara zerekana abagabo bane bari barongoye igitero, bariko bagenda muri iyo nzu y’ubucuruzi bafise inkoho zirasa amasasu y’urudavagi


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.