IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Alain Guillaume BUNYONI : Umutekano w’i Bujumbura ugeze ku bice 90 (...)

Alain Guillaume BUNYONI : Umutekano w’i Bujumbura ugeze ku bice 90 kw’ijana

mardi 13 Gitugutu 2015, par egide

Alain Guillaume BUNYONI, umushikiranganji w’umutekano amenyesha ko muri rusangi umutekano wifashe neza mu gihugu cose, n’ubwo mu mezi atatu aheze hibonekeje ibikorwa vyahungabanije umutekano.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uwu wa mbere, umushikiranganji w’umutekano, Alain Guillaume BUNYONI, avuga ko muri ayo mezi atatu aheze, hishwe abantu 130, hibonekeza incuro 48 z’ukugerageza kugandagura abantu, hamwe n’ubukozi bw’ikibi bujanye n’uguturira bugera kuri 28.
Alain Guillaume Bunyoni amenyesha ko iryo hungabana ry’umutekano kuva mu kwezi kw’indwi gushika mu kw’icenda ryabonekeye mu bitero biturutse mu gihugu c’Urwanda vyabereye muma komine ya Kabarore na Bukinanyana, ugushaka guhungabanya amatora, itorwa ry’ibiziga cane cane mu bice bimwe bimwe vy’igisagara ca Bujumbura, kubandanya gutera amagerenade mu duce tumwe tumwe na cane cane mu gisagara ca Bujumbura, hamwe n’ubusuma bwo muma banki no ku bantu batwaye amafaranga hakoreshejwe ibirwanisho.

JPEG - 65.3 ko
Alain Guillaume BUNYONI, umushikiranganji w’umutekano

Umushikiranganji w’umutekano Alain Guillaume BUNYONI akamenyesha ko mu gutuza abo bahungabanya umutekano hafashwe ingingo zitandukanye harimwo ugusaka ibirwanisho n’ihagarikwa ry’ababitunze batabirekuriwe n’amategeko. Muri ivyo vyakozwe, Alain Guillaume BUNYONI amenyesha ko ibirwanisho n’ibikoresho vya gisirikare na giporisi vyafashwe, akavuga inkoho zitera ibisasu zitatu n’ibisasu vyazo bitanu, inkoho zo mu bwoko bwa kalashinikov 40, amagerenade 80, inkoho zo mu bwoko bwa pistolet zitatu, amasasu 3661 n’ibikono vy’amasasu 15, abagizi ba nabi bikekwa 3188 bafashwe n’igiporisi barapfungwa bakaba bari mu bagiye bagirirwa amadosiye.

Mu gihe umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yatanze ikiringo c’amezi abiri kugira umutekano ube wagarutse muma karitiye yose yo mu gisagara ca Bujumbura amaze igihe arangwamwo umutekano muke, Alain Guillaume Bunyoni umushikiranganji w’umutekano amenyesha ko iryo hangiro rimaze gushikwako ku bice birenga 90 kw’ijana. N’aho ubushikiranganji w’umutekano bumenyesha ko umutekano wifashe neza muri rusangi, habandanya kwimvikana amasasu muma karitiye y’uburaruko n’ubumanuko bw’igisagara ca Bujumbura, ibiziga bikabandanya gutorwa, ibitero ku birindiro vy’abaporisi, hamwe no mu bunywero bikaba bibandanya kwibonekeza.


IGIHE

Messages

  • Igihugu cacu kiringowe nibihuna koko 90% ibuja? None ibukuru umutekano udakwiye 91% wumva ahandi hoho gute?za mujya mujyame mureke kwimaramaza imbere yamaradio.gutegeka vyabagoye. Ubu ni mwemere mushire aho intahe ishize erega bujya uwugutunze niwe akugaba ja mubiganiro nyabuna.abazobura ibibanza ntakundi bazosaba abo bimye vyama vyabaye

  • Abatera ama grenades nibakomeze bafatwe niyo hafatwa ibihumbi ijana mubashyire mugasho inzara ibahuhure aho kumara abantu.

  • Igihagararo n’ijunja ryaw bunyoni ntaco ripfa ripfany nivyo uvuga!uwo mutekano uvuga uri iwaw no mu matungo yaw ariko naw isaha ntiragera!twebw twirirwa turagandagurwa n’ubushikiranganj urongoy nitw tubize!nanj kuvyo uvuz ndaguhay 0%,kk udukindaga ku mu vyimba!igih naw uzoshikirwa cnk hagashikirwa abo mur kumw kumbure uzosigura neza ivy’umutekano mu burundi!mba ndaguciriy umugani non urankuriy mu myaka ariko ndakurusha ubushingantahe!@imana iduhoz amarira muriko muraduteza@

  • ALIKO UMUTEKANO AVUGA UBANZA ARUWIWE MURUGO. NTABWO ARUWO MU GIHUGU.

  • Ewe Mana Fasha Uburundi Bwac! None Uwo Mutekano Wosiguga Gute Kandi Abantu Birigwa Barapfa

  • KARE UMUTEKANO WARI IJANA KWIJANA.UKABA UGEZE KURI 90 NA BUNYONI AKAVYEMERA TURAHERA PE!

  • Iyo mbwebwe irahimvye amaraso y abanyagihugu. uzoyadahwa

  • Umutekano wabuze, umukuru w’igisirikare, ukabura uwurongoye iperereza !!? Mu Burundi ni nde yokwemeza ko awufise muvyukuri ?

  • Ndagushigikiye nyakwubahwa Bunyoni, abanabo batanze ivyiyumvirovyabo bavugako umutekano utahari nivyobucecumi bibura kugira umutekano ube 100% umuntabakurikiranye barimuribamwe banezerezwanuko bokwumvako burijoro ridakwikwijana hadatabgajwe kohariho umuntuyishwe mbese jewenvugishije ukuri iyaba kubwabo birirwabahekura uburundi bobo icobashaka nuko umutekano wohungabana gushikamusi 50% nyakwubahwa Bunyoni komeza mukoreshe bwaburyobwose bukoreshwa nabajejwe umutekano mukomeze guhasha izontumva nizabazihaye gukoneza guhekura abarundi igijwkirekire namwe mukomeze kuzihasha kurugerorwohejuru muzihashempaka. Hanyumanatwe abenegihugu nkuko mukunze kubibona twiyemeje gukoneza tubatungiragatoke tubicishije munzirazose zishoboka nkoku baterefona, kubandikira ama msgs, fcbook, what sup, imo, tweets, kubashikira nibindi ubufuse umutima wogutanga pibirisiti babicishije mukwica bazokwisanga muri iyonamenya!.

  • mbega ivyo biziga baja baratora nivyo vyerekana kumutekano ushimishije? Nzovyemera kumutekano ukwiye, niyo president yafat indege akajabuka hanze, ubu ni bujumbura ngozi.

  • Weho ntanubwo kunya ufise wohoho namba hari umutekano ivyirirwa biraba bibera hehe?warasaze kabisa

  • Ntantwaro yaba sans echec,sindumuja n,abandi bose babaye allergiques ku matora,dushaka namba.Abahutu n,abatutsi twiyemeje ubumwe nyakuri,atari bwabundi bwahora buririmbwa n,intwaro z,abahima bi Bururi,tuzobagwanya mpaka

  • None ko mmwavuze ko 100% vy’ umutekano mwavuze ko bihungabanywa n u Rwanda, vyagenze gute ngo mushike kuri 90%? 10% vy urwanda nivyo bbisigayye ngo wa mutekano wa.nkurumbi uboneke? rimwe muti igihugu gifise umutekano 100% , ubundi muti umutekano ni urwanda ruwuhungabanya , ubundi muti 90%!!!!! Ibiziga mu mabarabara biruzuye!!!!! mbe mubona mukina umukino wuhe??? mubona mutazaruka amaraso mwanyoye???

  • NTAMUSAZI ASUMBA GIYOME IYO ABAPFA BABAYE BENSHI KUBWIWE NIYO MAHORO MENSH URIKIJUJU UMWANYA WATAYE KWISHURE WAPFUYE UBUSA

  • Akarimikavuga Inagore Karagororoka Ntavyiza Bihoraho Bihari Uzemera Umutekano Kukwiye Mubawe Havuyemo 2 Uravye Nabi Sinduhije Aricara Ahuri

  • Ni umusazi Bunyoni!!!!!Ndagera aho nibaza ko bavuga ibisunitswe n’impwemu.Nasubire avuge ko umutekana ukwiye kubice 90% mugisagara bujumbura!!!!!Vous vous imaginez kwica umuryango wose abavyeyi n’abana!!!!!!!!Akarorero ni Ngagara Quartier 3 ivyaraye bibaye!!!!!Abo ba Bunyoni na ba piter batwara banyakubura badatwaye boba ari abantu bafise imiryango nabo bakiyumvira kugomora abicanyi mumazu y;abantu gukora ishano nkiryo murugo rw’umukozi wa RTNB.Naho tuzorara tuvuga,jewe numva bisiga ubwenge!!!Ou bien ni ihonyabwoko nk’iryi rwanda ritanguye cette fois ci?Veuillez m’excuser mvuganye ishavu kuko birateye agahinda ivyabaye ce 13/10/2015 a Ngagara

  • yabuzwa niki se kuvuga kumutekano arimuzima ko ntabiwe bapfa,harapfa abadashaka nyine,

  • ibi bunyoni avuga ereganiwe abikora ububwicanyibwose niwe abikora kandi abifitemo uruhare kuvugango umutekano ni 99% abantu bashize ejoniwe yitegure gusanga shyimirima

  • Reka dupfu nkinyamahaswa atacanira imana iroca urubanza hazogera igihe intahe ikora

  • Haha! Ntibitangaje! Mbe Uwo Musiguza Kubibera Iyo Ari Yobivuga? Nareke Kubesha K Umugaragaro Twaramenye Imvugo Zabo.

  • Ubu.Nimutende.Naho.Abaporisibakwiyumvira.Bakagufata.Bakakwagiriza.
    Ivyo.Utakozekugira.Ubahe.Amahera
    Ndabagore.Uwuzi.Umukobwayakora.
    Mukayanza.Kominematongo.Bandaga.Yitwa.Krère.Batazir.Karara.
    Yomumpera.Izinimero.
    61899344.ndi.sirivesite.mukirundo
    murakoz

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.