Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Alain Mimoun umunonotsi rurangiranwa yasezeye isi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Alain Mimoun umunonotsi rurangiranwa yasezeye isi

Alain Mimoun umunonotsi rurangiranwa yasezeye isi

vendredi 28 Ruheshi 2013

Umunonotsi rurangiranwa Alain Mimoun yaraye ntakiriho,aho yitavye Imana ku myaka 92 y’amavuko. Yavukiye mu gihugu ca Algeriya mu mwaka w’1921, akaba yarabaye rurangiranwa mu mahiganwa yokwiruka mu gihugu c’Ubufaransa, ndetse no kw’isi yose.

Alain Mimoun yabaye rurangiranwa inyuma y’intsinzi mu mahiganwa y’isi yose mu gusiganwa, aho yasize umunonotsi yari rurangiranwa yava mu gihugu ca Tcheque Emil Zatopek. Imbere y’uko aja mu mahiganwa y’isi yose, yari yarabaye umurwanyi mu ntambara ya kabiri y’isi yose. Alain Mimoun yatsinze mu mahiganwa 29 yo mu gihugu c’Ubufaransa aho yiruka imetero 5000 hamwe n’imetero ibihumbi 10.

Yarashoboye gutwara imidari y’inzahabu ine mu mahiganwa y’isi yose mu myaka y’1947 n’1966. Mu mwaka w’1952 yatwaye imidari y’ifeza aho yirutse imetero ibihumbi 5 hamwe n’imetero ibihumbi 10 mu gisagara ca Londres mu Bwongereza.
Mu mahiganwa ya cross y’ibihugu bitari bike vyo kw’isi, yatwaye ibikombe bine mu myaka y’1949, 1952, 1956. Mu majambo make yari umunonotsi w’umufaransa yaronse imidari myinshi.

Alain Mimoun yari azwi kw’izina rya O’Kacha Mimoun, yari imfura mu muryango w’abana indwi. Yvukiye mu muryango w’abarimyi mu karere ka Oran mu gihugu ca Algeriya, aca ashika mu gihugu c’Ubufaransa afise imyaka 19 gusa y’amavuko agiye kurwanya abadagi mu Bubirigi. Yaciye aguma mu gisirikare c’igihugu c’Ubufaransa ku va muri ico gihe c’indwano, mu nyuma aca aja kuba mu gisagara ca Paris mu mwaka w’1945, aho abantu bose bagumye bamwibukira ku kuntu yari rurangiranwa mu kwinonora imitsi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.