Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Algeria : Bariko barondeza urushinge umufaransa yagizwe imbohe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Algeria : Bariko barondeza urushinge umufaransa yagizwe imbohe (...)

Algeria : Bariko barondeza urushinge umufaransa yagizwe imbohe n’abihevyi

mercredi 24 Nyakanga 2014

Igisoda co muri Algeria caragerageje uko gishoboye, ejo haheze, kugira gikure mu vyara vy’umurwi wa bihevyi Hervé Gourdel umufaransa yanyurujwe ku munsi w’Imana ahitwa Kabylie, mu buseruko bwa Alger. Abo bihevyi bari bamenyesheje ko bamwica ejo haheze.

Abamunyuruje, bari mu murwi w’iterabwoba jihade wo muri Algeria "Jund al-Khilafa" ushigikiye reta y’igisilamu (Etat Islamique), bagize iterabwoba ku munsi wa mbere ko bica iyo mbohe igihugu c’Ubufaransa ni kidahagarika musi y’amasaha 24 ibitero vy’indege mu gihugu ca Irak.

Umushikiranganji wa mbere Manuel Valls yaremeje ko ibiganiro bitazokwigera biba hagati y’uwo murwi n’igihugu c’Ubufaransa. Abasoda banonosoye ivyo kurwanya iterabwoba baba nya Algeria bakaba barondereye mu misozi yuzuyemwo ibiti aho uyu mufaransa w’imyaka 55 yanyururijwe. N’abaporisi benshi bakaba bari kw’ibarabara rinyuragira muri iyo misozi.

Umunsi w’ejo ukaba waheze ubutegetsi bwa algeria ataco bushikirije ku vyavuye muri ayo matohoza.


Nadege Irakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.