Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Algeria: Perezida Bouteflika ari mu bitaro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Algeria: Perezida Bouteflika ari mu bitaro

Algeria: Perezida Bouteflika ari mu bitaro

lundi 29 Ndamukiza 2013

Abategetsi bo mu gihugu ca Algeria batangaje ko perezida Abdelaziz Bouteflika, yagize ingoraze z’amaraso adashika mu bwonko.

Bavuga kandi ko mur’iki gihe ariko aravurirwa mu bitaro vyo mu gihugu c’Ubufaransa.
Umushikiranganji wa mbere Abdelmalek Selial, yaremeje iyo nkuru ku musi wa gatandatu, yamara akaba yavuze ko perezida ataremvye cane. Yavuze kw’imitsi ya perezida yazivye mu kanya gatoyi ku musi wa gatandatu, ariko ngo mur’iki gihe ariko araruhuka, mu kurundira ibipimo, abaganga bakoze.

Umushingantahe Bouteflika yitwaye igihugu ca Algeria kuva mu mwaka w’1999, kandi amakuru atangazwa avuga kw’amagara yiwe atar’ameze neza mur’iyi myaka iheze.

Umushingantahe Bouteflika yari yatanguje imigambi mishasha yo kunagura politike mu mwaka w’2011, inyuma y’aho abanyagihugu bakoreye imyiyerekano imeze nk’imyiyerekano yabaye mu bihugu vy’abarabu.

Igihugu ca Algeria kiri mu bihugu vyo muri Afrika bitunze, kandi kiri mu bihutu vya mbere biha ibihugu vy’ibulaya imyuka ya Gas.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.