Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Algeria : Uwagandaguye Hervé Gourdel yamenyekanye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Algeria : Uwagandaguye Hervé Gourdel yamenyekanye

Algeria : Uwagandaguye Hervé Gourdel yamenyekanye

mardi 14 Gitugutu 2014

Muri Algeria, inyuma y’indwi zitatu Hervé Gourdel agandaguwe abanje kunyuruzwa, ikinyamakuru El Watan camenyesheje ko umugabo yishe uwo mufaransa yamenyekanye.

Bachir Kherza yavuzwe n’igisirikare ca Algeria ko ariwe yagandaguye Hervé Gourdel mu misozi ahitwa Kabylie. Uwo mwicanyi afise imyaka 50, avuka ihitwa Bab el-Oued mu gisagara ca Alger. Igisirikare ca Algeria kimenyesha ko Bachir Kherza amaze gukora ubwicanyi bwinshi n’ibitero vy’iterabwoba mu ntambara yabaye mu myaka ya 90. Ari mu murwi w’iterabwoba Jund Al-Khilafa.

Abajejwe umutekano (les services de sécurité) bamenye abandi bagabo bashika kuri mirongo itatu, bari muri uwo murwi wagandaguye bunyamaswa uwo mufaransa, bakaba babibonye bafashijwe n’amasanamu (vidéos) atatu yaciye ku buhinga ngurukanabumenyi (internet), bakaba gushika ubu bakirondera ikiziga ciwe, barondera n’uburyo bofata abo bicanyi.


Nadège Irakoze

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.