Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Algérie : Abdalaziz Bouteflika yipfuza ikiringo ca kane - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Algérie : Abdalaziz Bouteflika yipfuza ikiringo ca kane

Algérie : Abdalaziz Bouteflika yipfuza ikiringo ca kane

vendredi 28 Ntwarante 2014

Mu mabarabara y’igisagara ca Alger hiriwe imyiyerekano y’abanyagihugu bari mu muhari wa BARAKAT, aho biyamiriza ikiringo ca kane ca Abdelaziz Bouteflika.

Abo bari mu muhari wa BARAKAT bamenyesha ko bagarutse mu mabarabara yo mu gisagara ca Alger, kugira biyamirize ikindi kiringo ca kane ca Bouteflika, bakaba bamwagiriza ko intwaro yiwe yaranzwe n’ibiturire. Abariko baramwiyamiriza rero bakaba benshi bari barwiriyemwo abakiri bato, aho bavuga ko bakeneye impinduka mu gihugu. Abdelaziz Bouteflika w’imyaka 77 y’amavuka, akaba amaze imyaka 15 ku butegetsi, ubu naho kuwa 22 Ruhuhuma, akaba yasavye nawe kwitoza mu kiringo kigira kane. Kuva ico gihe, abanyagihugu bo mu gihugu ca Algeriya bakaba batahengeshanije kwiyamiriza ico kiringo kindi.

Abaporisi bambaye impuzu zisanzwe bari kumwe n’abandi bambaye iza giporisi, ariko ata birwanisho bafise, bakaba bagumye babuza abagira imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca kane.
Mwomenya ko Abdelaziz Bouteflika amagara yiwe atifashe neza, aho ndetse akunda no kuja kwivuriza hanze, kubera amagara make.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ewe africa waragowe,uwo we ararengeje icuro 4 zose.Ngira abo basumirinda barabivugana ivyo kuguma kubutegetsi.Mbe Abdelaziz kwa kuze ntamwana afite apfume ariwashira hama natwe prsident wacu napfume aviyola ibwirizwashingiro ashireko kagahungu kiwe ngira ADC botolera hako bomwumva ariwe agize viyole akuze,umwana we abariwe ayikora.

  • uwu nawe niwe wundi. Umuntu ari paralysé uruhandi rwose ntiyoruhuka akareka abakibasha bagatwara igihugu. Afriqua uwaturoze ntiyakaravye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.