Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Algerie : Bouteflika ashobora kwitoza ikiringo ca kane n’aho amagara (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Algerie : Bouteflika ashobora kwitoza ikiringo ca kane n’aho amagara (...)

Algerie : Bouteflika ashobora kwitoza ikiringo ca kane n’aho amagara atifashe neza

vendredi 17 Nzero 2014

Umukuru w’igihugu ca Algerie Abdelaziz Bouteflika yasubiye mu gihugu ciwe, inyuma y’ukumara iminsi arwariye mu bitaro vy’abasirikare mu gihugu c’Ubufaransa vyitwa Val de Grâce.

Inyuma y’ukugirisha ibipimo vy’indwara Abdelaziz Bouteflika yaciye ataha, amagara yiwe ameze neza bukebuke inyuma y’ukumara iminsi ine ari mu bitaro vy’aho mu gihugu c’Ubufaransa. Ariko rero bikavurwa ko kuva mu kwezi kwa Ruheshi umwaka uheze, vyagiye biragaragara ko amagara y’uwo mukuru w’igihugu w’imyaka 76 y’amavuko yagiye aragenda nabi.

Agisohoka ibitaro ejo kuri uyu wa kane, akaba yaciye anyarukira mu gihugu iwe, kuko yategerezwa gushira umukono kuri uyu wa 16 canke uyu munsi ku wa 17 Nzero, umukono kw ’itegeko rigenga amatora y’umukuru w’igihugu muri ico gihugu. Tukaba twobamenyesha ko n’aho amagara yiwe aza aramugora, bivurwa ko umugambwe wiwe Front de libération nationale (FLN) usahka ko asubira kwitoza ikiringo kigira kane.


Aristide Nizigire

Messages

  • Uko niko imtambara zurudashira zitangura umi africa none ko amagara amukitse kandi akaba anaze gutegeka incuro3 yahaye abandi naho boba bo myishaka rye ariko akareka kugundira kubutegetsi ntanamagara yibitseho ubwo yaje yihuta nimiti atarayimara kugira ahindure bimye mumategeko ari mwibwirizwa shingiro. Arfica we warakubititse nibakureke.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.