Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Algerie : Isanganya ry’indege ryahitanye abantu 76 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Algerie : Isanganya ry’indege ryahitanye abantu 76

Algerie : Isanganya ry’indege ryahitanye abantu 76

mercredi 12 Ruhuhuma 2014

Mu bantu 77 bari mu ndege ya gisirikare yo mu gihugu ca Algeria, umwe wenyene niwe yashoboye kurokoka mw’isanganya indege yagiriye mu bumanuko bushira uburengero bwa Algeriya, i Wilaya d’Oum El Bouaghi.

Nk’uko abagize amatohoza kuri iryo sanganya ry’indege ryabaye ku muhingamo wo kuri uyu wa kabiri wa 11 Ruhuhuma 2014 babivuga, ibiziga 76 nivyo vyatowe ahabereye iryo sanganya, umuntu umwe gusa akaba ariwe yashoboye kurokoka, ariko nawe nyene akaba yarababaye cane mu mutwe.
N’aho bitari vyoroshe kurondera ibiziga, abajejwe kugira amatohoza mu gisirikare babifashijwemwo n’abajejwe gukinga impanuka barakoresheje inguvu zishoboka baratora ibiziga vy’abitavye Imana ahabereye isanganya. Mu biziga 76 vyatowe, bane muribo bari abakenyezi.

Iryo sanganya ry’indege iri mu bwoko bwa Hercule C-130 ryabereye ku musozi Fertas, mu gace ka Ain Kercha, mu ntara ya Oum El Bouaghi, ku birometero 470 mu bumanuko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Alger. Aho hari kw’isaha 5 zo mu gatondo

Lahmadi Bouguern afise ipete rya coloneli mu gisirikare akaba n’umuyobozi ajejwe gutanga amakuru mu gace ka gatanu mu gisirikare, vuga ko indege yoba yagize insanganya igihe yariko igeregeza kwegera ikibuga c’indege ca Constantine. Aho ni mu gihe yari isigaje ibirometero 42 imbere yuko yururuka ku kibuga c’indege.

Abajejwe ihindagurika ry’ibirere bavuga ko ikirere kitari kimeze neza kuko hari umuyaga mwinshi hamwe n’urubura (neige) rwari rutanguye kurwa, arivyo vyoba vyatumye baha iryo nsanganya.

Umukuru w’igihugu ca Algeriya, Abdelaziz Bouteflika yaciye ashinga ikigandaro mu gihugu cose c’iminsi itatu, uhereye uno munsi wa gatatu wa 12 Ruhuhuma gushiga kuwa 14 Ruhuhuma 2014 .

Mwomenya ko iyo ndege yo mu bwoko bwa Hercule C-130 atari ubwo bwa mbere yarigize insanganya. Mu mwaka w’2003 ikaba yari yahitanye ubuzima bw’abantu bagera kuri mirongo ibiri, muri karatiye iba mw’abategetsi ya Boufarik.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.