Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amabanga akomeye ya Obama agire aje ahabona - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amabanga akomeye ya Obama agire aje ahabona

Amabanga akomeye ya Obama agire aje ahabona

vendredi 7 Ruheshi 2013

Ibiro bijejwe igendereza mu Leta zunzubumwe za Amerika, biregeranya amakuru aca ku mirongo ya terefone ndetse birafise n’uburenganzira bw’ukwinjira muri amwe mu mabanga y’ubuhinga ngurukanabumenyi nka Facebook na Google.

Ivyo bikaba rero vyaremejwe ku ntwaro ya Bush ndetse na Obama. Abanyepolitike rero bamwe bamwe bo muri Leta zunzubumwe za Amerika bagize ico bavuga ku mabanga amwe amwe yaraye ashizwe ahabona na ‘’Guardian’’ na ‘’Washington Post ‘’ kuri ubwo buhinga. Abatari abke bakavuga ko vyari vyaravuzwe ariko bitari bwaje ahabona.

Umukuru w’ibiro vy’igendereza aho muri Leta zunzubumwe za Amerika James Clapper avuga ko kubona amabanga amwe amwe y’igihugu yoja ahabona ko ivyo bihungabanya umutekano w’igihugu, Abandanya avuga ko ivyo biriko biravurwa ko bihungabanya umutekano w’igihugu.

Ariko rero ibiro vy’umukuru w’igihugu bivuga ko ivyo atari vyo na gato, bagasaba abanyamerika bose kugumya umutima munda co kimwe n’abandi bose baba muri ico gihugu ko atanzu ziriko zirasha. Ikinyamakuru ‘’The Guardian’’ carashize ahabona bimwe mu vy’ ubutungane biri mw’ibanga vyategeka ubuhinga bwa terefone bwo muri Leta zunzubumwe z’Amerika gutanga ku nguvu ivyavuzwe n’abanywanyi b’amashirahamwe ba terefone ngendanwa bose kuva muri Ndamukiza gushika muri Muri Mukakaro mu biro vy’igendereza hamwe no mu biro bishinzwe umutekano hagati mu gihugu.

Abashingamateka rero bamenyesha ko bari bazi ko kuva mu mwaka w’2007, haboneka umwanya abanyanyi bavuganiyeko ariko ivyo bavuganye ntibiboneke ngo bije ku mugaragaro.

Mu butegetsi bavuga ko ubwo buryo bwo mu 2007 bwatumye bakingira igihugu imirwi y’iterabwoba, kandi bakemeza ko hari igitero cabujijwe n’ubwo buhinga, igitero gikomeye cane cagire kibe aho muri Leta zunzubumwe za Amerika.


Aristide Nizigire

Messages

  • Kuri iyo nkuru ico noterera cane cane kuvyuko muri amerika boba batanga inkuru yivyo abanywa umwanyumwe nivyo nuko hagize uwobashaka nko gutera acishije ku telefone boca babimenya bikaba vyiza .

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.