IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Amabendera y’imigambwe agiye kumanikwa ahari ingoro y’umugambwe (...)

Amabendera y’imigambwe agiye kumanikwa ahari ingoro y’umugambwe gusa

mardi 24 Nyakanga 2013

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Edouard Nduwimana yafashe ingingo y’uko amabendera y’imigambwe agiye gushingwa gusa imbere y’amazu y’amakoraniro y’imigambwe (les permanences).

Muri iyo ngingo yafashwe na Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, abarongoye imigambwe bahawe indwi zibiri gusa kugira babe bakuye amabendera ashinze mu buryo busanzaye mu bice bitandukanye mu gihugu. Amabendera azohora amanikwa mu kibanza umugambwe ufisemwo ingoro y’amakoraniro gusa.

Inyuma y’indwi zibiri, abarongoye imigambwe bazoba birengagije iyo ngingo, bakamanika ibendera aho badafise ingoro y’amakoraniro bazotangishwa amahadabu atamenyekana uko angana.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Edouard Nduwimana yamenyesheje ko mu gufata iyo ngingo ari ukwirinda akajagari kahora gakwegwa n’ayo mabendera mu gihugu. Ngaho mwokwibuka ivyari bimaze iminsi, aho abari mu mugambwe kanaka bamanura ibendera, bukeye abandi bakamanura iry’abandi, amwe bagatabura, hagaca haduka intanduruko y’imigumuko ikwega umutekano muke. Akarorero ni ak’imisore yo ku Musaga, mu gisagara ca Bujumbura yahatswe gutana mu mitwe bapfa ko bibanye amabendera y’imigambwe yabo.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.