Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amaboko meza akomeye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Amaboko meza akomeye

Amaboko meza akomeye

mercredi 3 Ndamukiza 2013

Amaboko ni igihimba c’umubiri umuntu ashobora kwerekana mu buryo bwisanzuye, akaguma ateye igomwe kandi yiyoroheje.Si nka kurya kw’agahuzu bita “décolleté”gashobora kwerekana kakagaragaza ibihimba vy’ umubiri w’umuntu canke akajipo kagufi katagira shinge na rugero.

Amaboko meza rero arashobora kuvugwa ukutarikwo ariko azokwama akundwa mbere anifuzwe na cane.Ni ivyo twokwita ubu”ukuboko kwinkomezi”( Bras du pouvoir,mugifaransa).

Amaboko abiri meza yerekana ko umuntu afise amagara meza kandi ko acungera neza umubiri wiwe.Aha rero, ntibavuga amaboko ayo ariyo yose;ng’utu uturorero tw’amaboko y’umugore canke umwigeme dushobora kubona ko ari meza canke atari meza:

-Amaboko meza twoyabona nko kuri Beyonce,Jennifer Aniston,Michelle
Obama,Jessica Chastain na Cameron Diaz.

JPEG - 34.9 ko

-Amaboko nayo atari meza tuyabona nko kuri: Madonna,Sharon Stone,Sarah Jessica Parker na Renee Zellweger.

JPEG - 24.8 ko

Ngo amaboko meza rero,si arya maboko ameze nkayashaye ariko ni arya aboneka nkafise inguvu muriyo kandi akaba akomeye muburyo busanzwe.Aho umuntu yoca yibaza ko vyiza ari uguterura ivyuma canke kwinonora imitsi kugira agire amaboko meza.Haba namba!

Ahubwo kugira umugore canke umwigeme agire amaboko meza, yokwitwararika amagara yiwe neza akareka gufata minenegwe ivyoza bihindura umubiri wiwe uko ariko kwose.

Kugira umuntu ashike kukugira amaboko meza,abahinga babinonosoye bahanura kugira yoga ngo kuko yoyo ituma imitsi ikomera mu buryo busanzwe kandi bukwiriye k’umugore canke k’umwigeme.Nimba naho ari nk’umugore akunda guterura ivyuma,ngo umumenyereza yoshobora kumwereka ivyuma bitonona imitsi y’amaboko yiwe.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.