Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
"Amaboko ntamarwa n’ibikorwa, amarwa n’urupfu’’ - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > "Amaboko ntamarwa n’ibikorwa, amarwa n’urupfu’’

"Amaboko ntamarwa n’ibikorwa, amarwa n’urupfu’’

jeudi 12 Kigarama 2013

Hari udukorwa abageze mu zabukuru bakora, tumwe kugira amagara yabo agume ameze neza, utundi kugira bashobore kwitunga, batunge n’imiryango yabo, ntibashobore gusabiririza nka bamwe usanga bari mu gisagara ca Bujumbura bariko barasaba abahita bose mu mabarabara.

Umutama Gaspard yavutse mu mwaka w’1940, akaba ubu afise imyaka 73 y’amavuko. Aba mu Ruyaga komine ya Kanyosha iri mu ntara ya Bujumbura. Afise abana indwi, n’abuzukuru batandatu. Uyo mutama avuga ko azinduka ava mu Ruyaga n’amaguru, kuva ku wa mbere gushika ku munsi wa gatandatu, ku munsi w’Imana naho, agaca ajana n’umutamakazi wiwe gusenga. Iminsi yose kuva igihe c’isaha cumi na zibiri n’igice zo mu gatondo, aba atanguye akazi kiwe mu gisagara ca Bujumbura.

Mu kiganiro n’ikinyamakuru canyu IGIHE, umutama Gaspard n’akanyamuneza kenshi, akaba yatumenyesheje ko akora udukorwa twabageze mu zabukuru. Usanga ariko arahanagura ibiyo vy’amadirisha, guhanagura inzugi, eka mbere arakora n’ibindi bikorwa ubona ko vyoshobora abakibasha cane, aha tukaba twovuga nko gukoropa, kwegeranya udupapuro, n’ibindi bikorwa, bituma ukwezi guheze, aronka umushahara. Amahera bamuhemba ku kwezi, avuga ko amutunga n’umuryango wiwe, bigatuma atagora abana yavyaye ngo bamufashe utuntu twose akeneye. Abana yavyaye nivyo aremera ko baramufasha, ariko ntiyobagoza ibintu vyose, kuko nabo, bakenera gutunganya ivyo mu ngo zabo.

Gaspard rero akaba ahanura abantu basegerereza mu gihe bamaze gushika mu zabukuru, ko boraba udukorwa bobasha gukora mu gihe amagara akibakundiye, bakava mu mabarabara, kuko ku bwiwe : ’’Amaboko ntamarwa n’ibikorwa, ahubwo amarwa n’urupfu’’. Ndetse we, avuga ko kwirirwa umuntu ahagaze muri iryo barabara atazi n’uwumufasha iyo aza azananye, mu gihe umaze gushika mu za bukuru, navyo nyene, biri mu bituma umuntu amagara yiwe amera nabi kuruta, mu gihe izuba, imvura, kwirirwa umuntu avuga, inzara mu nda, vyose bimukoranirako.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.