Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amadolari 100 000 yemerewe umuntu azokora udukingirizo twa kijambere - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Amadolari 100 000 yemerewe umuntu azokora udukingirizo twa kijambere

Amadolari 100 000 yemerewe umuntu azokora udukingirizo twa kijambere

mardi 26 Ntwarante 2013

Agakingirizo gakoreshwa ubu kamaze imyaka myinshi cane kandi ntikarahingurwa na rimwe kuva gakozwe. Imbere y’uko gakorwa, abantu bakoresha ivyo bita boyaux de mouton canke vessies de porc kugira bikingire ingwara zifatira mu bihimba vy’irondoka.

JPEG - 9.6 ko

Haheze imyaka irenga ijana hakozwe agakingirizo gakoreshwa ubu, ariko bikagaragara ko ata muntu n’umwe ariyumvira gukora ubuhinga bwo guhindura ako gakingirizo. Ni muri iyo ntumbero umurwizatunga Bill Gates yemeye gutanga amadolari 100 000 ku muntu azoshobora guhindura udukingirizo dukoreshwa ubu, agakora utundi dushasha, twa kijambere.

JPEG - 9.2 ko

Ivyo yabivugiye ku muhora wiwe ngurukanabumenyi « La Bill & Melinda Gates Foundation”, aho ashikiriza ko yipfuza kubona hakozwe udukingirizo duhimbara abadukoresha kandi bompi bakabihurizako. Yivugiye ati" Haheze imyaka irenga amajana ane udukingirizo dukoreshwa ariko ntitwigera duhingurwa hisunzwe ubuhinga bwa none, ari naco gituma abantu benshi bavuga ko udukingirizo dukoreshwa ubu tugabanya umunezero mu mabanga mpuzabitsina, bakahava mbere benshi bareka kutwambara, ivyo navyo bikagira ingaruka mbi".


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.