Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amafaranga yinjiye muri OBR yaraduze muri aya mezi 3 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Amafaranga yinjiye muri OBR yaraduze muri aya mezi 3

Amafaranga yinjiye muri OBR yaraduze muri aya mezi 3

jeudi 24 Gitugutu 2013

Ikigo gitororokanya amatagisi n’amakori OBR (office burundais des recettes ) caramutse gishikiriza icegeranyo c’ibikorwa vyaranguwe muri aya mezi atatu arangiye, ukwezi kwa Mukakaro, Myandagaro, Nyakanga, amahera yinjiye mu kigega akaba ari imiriyaridi 150,7 y’amafranga y’amarundi ugereranije n’amezi aheze.

Ikigo OBR cashikirije kuri uno musi wa kane igenekerezo rya 24 gitugutu, icegeranyo civyaranguwe muri aya mezi atatu arangiye y’umwaka wa 2013, mu kigega c’ikigo OBR, catojeje amafranga agera ku miriyaridi 150,7 y’amarundi, ayo nayo akaba yongeyeko ibice 6,6 kw’ijana, ugereranije nayarategekanijwe.

Muri uno mwaka hakaba hariho akarusho kuko ugereranije no mu mwaka uheze wa 2012, hongeyeko ibice 21 kw’ijana. Ivyo rero bikaba vyavuye ku mafranga yarishwe atari yarishwe muri uno mwaka ukwezi kwa Nyakanga, ariko atigeze arihwa mu mwaka uheze. Ayo mafranga nayo agera ku miriyaridi 14 . Mu kigo OBR bakamenyesha ko amafranga yinjiye mu kigega muri aya mezi 9 arenga kure niyo ayari ategekanijwe ugereranije no mu mwaka uheze imiriyaridi 35,8 y’amafranga y’amarundi n’ukuvuga akarusho k’ ibice 9,3.

Muri ico kiganiro rero, abayobozi b’ikigo OBR bakaba batanze umuco ku bijanye n’ibitenge bidandarizwa kwa Siyoni, aho abo abakenyezi babidandaza bagirizwa ku bicisha mu kinywabi.

Naho abatari bake banegura inyifato y’ikigo OBR mu kuja gutora ibidandazwa ku nguvu ababidandaza atariho bari, ata n’icegeranyo gitanzwe bita PV gitanzwe, mu kigo OBR bamenyesha ko bikorwa biciye mu mategeko, bamenyesha ko bamye bashira imbere ibiganiro. Domitien Ndihokubwayo icegera c’umukomiseri mukuru wa OBR avuga nko ku bijanye n’ibitenge vyafashwe mw’isoko kwaSiyoni, ati:’’ Twasavye incuro nyishi ko bokwemera ikigo OBR kigaharura, bakariha amatagisi y’ibitenge vyinjiye bidaciye mu mategeko, bakerekana ahabereye amakosa kugira akosorwe ariko baranse .‘’

Abandanya avuga ko naho igenekerezo rya 28 ariryo ryatanzwe kugira aba badandaza babe bagiye kwiyandikisha kugira batore ibidandazwa atari aho bikagurishwa, amenyesha ko mu kigo OBR atanyungu nimwe bafise mu gihe bobigurisha, ahubwo asaba ko buri umudandaza yogenda akerekana ivyangombwa, bakamuha ibidandazwa vyiwe. Ku vyerekeye naho ko hoba hari abakozi b’ikigo OBR boba bafisemwo uruhara muri rudandazwa rw’amagendu, Ndihokubwayo amenyesha ko amatohoza yamaze gutangura kandi ko uwuzokwagirwa n’icaha azohanwa bimwe vy’akarorero.


Floxella Karire

Messages

  • OBR, kuva ku mipaka no hagati mu gihugu, ni ikore yisunz’amategeko ata kwitukisha rubwa. Hama ntawutokenguruka rapport OBR ihejeje gushikiriza ku mahera imaze kwinjiza mu mezi atatu (Mukakaro, Myandagaro na Nyakanga).
    Ese ayandi mashirahamwe n’igihugu yoza ishikiriza ico imaze gushika ko mu vyerekeye ubutunzi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.