IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Amagerenade atatu yatewe hagati mu gisagara ca Bujumbura

Amagerenade atatu yatewe hagati mu gisagara ca Bujumbura

mercredi 3 Ruhuhuma 2016, par egide

Urwamo rw’amagerenade atatu rwumvikanye mu gisagara ca Bujumbura, hafi y’ahakorera ishirahamwe ry’ugutumatumanako amakuru LUMITEL. Amazu y’ubudandaji amwe amwe yaciye yugara kubera gutinya.

Inyuma y’ayo magerenade yatewe n’umuntu canke n’abanu bataramenyekana, abaporisi baciye baboneka ari benshi mu gisagara, ibarabara ryitiriwe ubudandaji naryo rikaba ryamaze akanya katari gato ritarengana. Amazu y’ubudandaji yegereye ivyo bibanz yaciye yugarwa, ahakunda gukoranira abantu benshi naho nk’aho bita kuri BATA hakaba haboneka abaporisi benshi.

Ivyononekaye ntibiramenyekana, ariko abanyagihugu begereye ahatewe izo gerenade bakavuga ko abantu bane aribo bamaze kumenyekana ko bakomeretse.


IGIHE

Messages

  • Abo ni ba sindumuja ntabandi babikoze

  • Birababaje,kubona batera amagrenade mubantu atacobazira novuga ko arubwicanyi ndenga kamere.

  • Ba sindumuja ni terrroristes , uwashidikanyaga arabyiboneye kandi iminsi yabo irabaze kuko bageze kubuce basamba

  • abo ngo bariko barwanya reta kumbe bariko baramara abanyagihugu, ehe raba gutera amagerenade mububare hamwe nomubibanza bihuriramwo abantu beshi, ukwo sugutera abanyagihugu??

  • birababaj gutera inzzira karengane ariko reta niyemere iganir nabo batavuga rumw turab ko tworuhuka twebw abanyagihugu

  • None Ko Mwateye Amagerenade Mugakomeretsa Abenegihugu Mutazi Ko Hoba Harimwo Benewanyu, Ubu Mwabaye Abapresida ? Ayo Muhembwa Kubera Mukoze Amaraso ,Yabenewanyu Numururazi Muriko Murya . Ya Satelite Ibona Ibinogo Vyabaphuye Kuva 68 ,20 16 Izoteba Ibabone Namwebwe Muragaba Canke Mubihebe Guko Ababatumye Nibo Bazobatanga Nibashika Kunyungu Zabo Heba Ako Kabi Kabishe. Ndabatwenze Murimtwenza . Musigaje Imisi Nkiyurume Rumara

  • Basindumuja vyabayangaranye iyonzira ntaco yozobamarira kiretse ko muyikomeje uyumusi abarundi tubita aba terrorist mumisi namakungu azovyemeza nimwakomeza gukora ayomabi. Ariko nimba abantu bakemera kugirwa inama nobwira abaziko batavugarumwe nareta kuzabaragira ivyobahurizako imvugo na reta hariho bamwe mubatavuga rumwe na reta usanga baba abambere mukwiyamiriza abantu bakora amabi nkaba, hakabaho nabandi bavugako bibanezereje kohabaye amabinkayo! Abobanezerezwa nuko aba terrorist bakoze amabi imisi yanyu iregereje gokuzosubira kujahabona murazinye abakuru baba terrorist ukobabangahakw’Isi ukwonikwonamwe muzocamubaho.

  • Abobakora ivyo nukobumvise ngumunyamabanga mukuru wa ONU Ban Ki Moon agiyegutemberera uburundi kukobobo bibazako ngoyocavuga ngonihaveho iyi reta ngwakaca ashiraho zamujeri/ Sindumuja zirirwa mumanama mu bubirigi nomu Rwanda. Ariko nkukomwakihenze kuvyomwagakoze vyose ntibizokunda ahubwo muzomera nka Hamani dusoba muri bibiriya kuko ivyoyagira ngo bizomukiza nivyovyamukwegeye urupfu.

  • none ko CRANED ibuza abanyagihugu gukora akazi kabo bobo ni bashikira ubutegetsi abanyagihugu ntibazoja kumirimo yabo? nje ndabona ivyayo vyatanguye kuyita kuwamazi kabisa. kwica abantu ataco bazira ejo ngo bazi baguhunde amajwi canke ngo ejo ubarongore birateye isoni.

  • abo bariko barwanya reta canke barwanya abanyagihugu?? ehe gutera zagerenade mububare mubibanza bihurirwamwo nabantu beshi, ukwo nukurwanya abanyagihugu!!!!. aho rero ngo bariko bireka abazungu ko muburundi ibintu bikomeye cane!!!!. hama go baserukira abanyagihugu, nicogituma CNARED abarundi dukwiye kuyirwanya twivuyinyuma....

  • KUBERIKI HAGITERWA AMAGRENADE MU GISAGARA

  • manafasha uburundi kuko turagowe

  • non ubwo bwicanyi buzohera ryari?mana dufashe uburvndi bub ubwbwe ,utuje imbere.

  • Nukuri Harageze Gusenga Kuk Ni Kumisi Yanyuma.Burundi Bugire Burunde Ibiziga.

  • ubu niho mubonye ko uburundi bugiye mubihe bigoye gusumba ivyo bwaciyemwo buyoya ariko aratera amabombe ya napalme mubanyagihugu batagira gitabara b’intega na marangara ntimwasavye injeko mvamakungu mugabo kutu grenade tu2 canke du3 ngo mukeneye inteko sha

  • Kubera Intwarombi N,agacinyizo,abarundi Bacits Abihevyi,kumurango Izuba Ryaka Hagati I Town Grenade Igaterwa,ntibafate Uwayiteye!Bazigufata Abazira Ubusa,

  • none abantubegereye nokubona ntibababonye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.