Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amahera azoronswa imirwi izitabira igikombe c’isi yamenyekanye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Amahera azoronswa imirwi izitabira igikombe c’isi yamenyekanye

Amahera azoronswa imirwi izitabira igikombe c’isi yamenyekanye

vendredi 6 Kigarama 2013

Umurwi uzotsinda mu nkino mpuzamakungu z’umupira w’amaguru mu mwaka w’i 2014 zizobera mu gihugu ca Bresile uzotahukana agashimwe k’imiliyoni 35 z’amadorari iruhande y’igikombe.

Ivyo rero bikaba vyamenyeshejwe n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ry’umupira w’amaguru (FIFA, Jerome Valcke. Umurwi uzoba uwa kabiri nawo uzoronka imiliyoni 25 z’ama dorari.

Ariko rero dusubiye inyuma gato, mwokwibuka ko mu nkino mpuzamakungu z’umupira w’amaguru zabereye muri Afrika y’Epfo mu mwaka w’2010, umurwi watsindiye igikombe, watahukanye agashimwe k’imiliyoni 31 z’ama dorari. Umurwi uzotwara ikibanza ca gatatu muri izo nkino zizotangura muri Ruheshi 2014, uzotahukana ibahasha ripfungiyemwo imiliyoni 22 z’amadorari, n’umurwi wa kane ntuzotaha imbokoboko kuko imiliyoni 20 z’amadorari zirawurindiriye. Bamwe n’abo batahuka batakije, ntibazosubira iwabo bikoreye amaboko, agapfungo k’ imiliyoni 9 z’amadorari karamaze gutegurwa.

Ubusumbane bw’ imiliyoni 156 z’ama dorari n’ibwo buri hagati y’amahera yatanzwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ry’umupira w’amaguru (FIFA) mu mwaka w’i 2010 no mu nkino zo mu mwaka w’2014, kuko mu 2010 hatanzwe amadorari 420, ubu naho hatanzwe 576.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.