Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amahiganwa mpuzamakungu y’urukino rwa Golf yuguruwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Amahiganwa mpuzamakungu y’urukino rwa Golf yuguruwe

Amahiganwa mpuzamakungu y’urukino rwa Golf yuguruwe

jeudi 1er Rusama 2014

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gervais Rufyikiri yaruguye ku mugoroba wo ku munsi w’ejo kuwa gatatu ihiganwa mpuzamakungu ry’urukino rwa Golf mu Burundi. Amahiganwa azomara iminsi 4, ahuza ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko harimwo n’igihugu ca Congo iharanira intwaro rusangi.

JPEG - 1.1 Mo
Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gervais Rufyikiri

Ku muhingamo w’uwo wa gatatu w’igenekerezo rya 30 Ndamukiza, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gervais Rufyikiri yaruguruye incuro ya 6 y’amahiganwa mpuzamakungu y’urukino rwa Golf mu Burundi. Inkino zizomara iminsi 4 zibera ku kibuga cagenewe urwo rukino kiri munsi y’inzu y’ingezi Roca Golf.

Inyuma y’ijambo ryo kwakira abashitsi ryavuzwe na Ken Lukongodo arongoye urukino rwa Golf mu Burundi, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gervais Rufyiri yaciye avuga ijambo ryo kwugurura inkino ziriko zihuza abakinyi ba Golf bavuye mu bihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko. Uwo mutegetsi yavuze ko Reta y’Uburundi yihaye intumbero yo gushigikira inkino ari naco gituma yitavye ivyo birori.

JPEG - 1.1 Mo
Ken Lukongodo

Mwomenya ko inkino zizorangira ku munsi wa 6, aho uwuzoba yabaye uwa mbere azoronswa agashimwe k’amahera 10.000 vy’amadorari y’abanyamerika.

Amafoto yaranze iryo yugururwa :


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.