Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CHAN 2014 : Uganda kw’isonga mw’itsinda B - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > CHAN 2014 : Uganda kw’isonga mw’itsinda B

CHAN 2014 : Uganda kw’isonga mw’itsinda B

vendredi 17 Nzero 2014

Amahiganwa y’imirwi nserukira bihugu mu mupira w’amaguru arabandanya mu gihugu ca Afrika y’epfo, muri kino gihe imirwi iriko ikina inkino za kabiri mu matsinda irimwo. Imirwi yo mw’itsinda B, yaraye itanye mu mitwe.

Mw’ijoro rikeye ryo ku munsi wa kane w’igenekerezo rya 16, imirwi yo mw’itsinda B yarakinye inkino za kabiri. Urukino rwa mbere rwahuje umurwi wa Zimbabwe n’umurwi wa Uganda, mu nyuma hakinye umurwi wa Maroc na Burkina Faso.

Urukino rwahuza Abarwanyi «Warriors» bo muri Zimbabwe n’abakinyi b’Ubuganda rwabonetsemwo cane umunyezamu w’Ubuganda aho yashoboye guhagarara rugabo agasama imipira mwinshi. Umunyezamu w’Ubuganda Ochan yararyoheye yongera atangaza benshi kuko yafashe ibitsindo vyinshi yatewe n’abarwanyi ba Zimbabwe, imipira myinshi yava ku mukinyi Kuda Mahachi akina ku ruhande rw’ukubamfu. N’aho ata gitsindo cabonetse, vyaraboneka ko umurwi wa Zimbabwe warushije umurwi w’Ubuganda. umwanya wagenewe urukino waheze ata gitsindo cinjiye ku mpande zose «0-0»
Mwomenya ko umurwi w’Ubuganda waheruka kwirahira umurwi nserukira gihugu wa Burkina Faso ibitsindo 2-1.

Urwo rukino ruheze, umurwi wa Burkina Faso watanye mu mitwe n’umurwi wa Maroc.
Urukino rwabaye rugitanguye, umukinyi Ibrahim Bahri yaciye mu ryahumye umukinyi w’inyuma wa Burkina Faso maze M Kabore ntiyabonye iyo umupira waciye Maroc iba ibikije igitsindo ku busa «1-0».
Urwi wa Burkina Faso ubwawo bwari buheze kuko waheruka gutsindwa n’Ubuganda. N’ishaka ridasanzwe bagumye barondera hirya no hino ahova igitsindo, Intambwe zo muri Atlas ntizasinziriye ariko umusatirizi Quedraogo Bassirou wa Burkina Faso, aciye mu kuryo yarashe umupira umunyezamu Lamyaghri atashoboye gukozako amaboko, ubwari ku munwa wa Maroc buba burakorotse ku munota wa 8, urukino ruca rurangira ibitsindo bingana kimwe ku kindi. «1-1».

Urutonde rw’abakinyi batanguye mu kibuga ku mirwi ya Zimbabwe na Uganda :

Uganda: Ochan; Ntambi, Kabugo, Kassaga, Muleme; Wasswa, Ntege; Olaki, Iguma, Majwega; Sentamu

Zimbabwe: Chigova; Zvirekwi, Jaure, Chipeta, Ncube; Ngoma, Phiri, Muparati,
Mahachi; Sadiki, Sithole.

Urutonde rw’abakinyi batanguye mu kibuga ku mirwi ya Maroc na Burkina Faso :

Burkina Faso : M Kaboré; Sango, Koné, Dayo, Gouo; E Traoré, Zoungrana; Tiéndrebeogo, Y Kaboré, A Traoré; Ouédraogo.

Maroc : Lamyaghri; El Hachimi, Abarhoun, Oulhaj, Sassa; Said, Erraki; Rafik, Moutaouali, El Bahri; El Ouadi.

Uko imirwi yo mw’itsinda B irushanywa amanota :

1. Uganda : 4

2. Zimbabwe : 2

3. Maroc : 1

4. Burkina Faso : 0


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.