Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ihiganwa "Miss Beauty Afrca 2014" rigiye kubera i Lome muri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ihiganwa "Miss Beauty Afrca 2014" rigiye kubera i Lome muri (...)

Ihiganwa "Miss Beauty Afrca 2014" rigiye kubera i Lome muri Togo

jeudi 15 Rusama 2014

Uko umwaka utashe, mu mugabane wa Afrika, hama hatunganywa amahiganwa yitiriwe “Miss Beauty Africa”. Akaba ahiganirwamwo abakobwa beza bo muri Afrika. Abo nabo bakaba ari ababa bafise hagati y’imyaka 18 na 28 y’amavuka.

Ihiganwa Miss Beauty Africa ryo mu mwaka uheze ryabereye i Yaounde mu gihugu ca Cameroun. Uyu mwaka w’i 2014 bitegekanijwe ko iryo higanwa rizobera mu ngoro y’amakoraniro i Lome mu gihugu ca Togo.

JPEG - 166 ko
Alexandrine Yawa Hantz, uwabaye Miss Beauty Africa mu 2013

Igice ca kabiri c’ihiganwa ry’umukobwa wa mbere muri Afrika kikaba kizoba kw’igenekerezo rya 11 Gitugutu 2014 i Lome. Itorwa ry’abigeme 20 bazoja muri iryo higanwa ryimirije, rikaba ryaramaze gutangura mu bihugu vyose vyo muri Afrika.

Bimwe mubisabwa mu gutora abo bigeme, akaba ari kuba umwigeme w’indero n’imico, afise ubwiza arangwa n’akaranga, akerebutse, w’incabwenge kandi yoba amaze gutorwa mu gihugu ciwe mu bakobwa beza.

Igisata cishinze guteza imbere ubwiza bw’umwigeme w’umunyafrika, ari naco catunganije iryo higanwa, kikaba cama giha akaryo ku mwaka ku mwaka, umukobwa wa mbere yatowe mwiza, kwambara urugori rw’umwamikazi w’ubwiza. Uyo nawe araheza akaba intumwa y’amahoro no mw’iterambere mu mugabane wa Afrika no kw’isi.

Armstrong LOGA, umushingwabikorwa w’ihiganwa Miss Beauty Africa, akamenyesha ko ayo mahiganwa yama atunganywa uko umwaka utashe, aba mu ntumbero yo kugaragaza imico ndangakaranga y’ikinyafrika no kwerekana ko Afrika ari isoko y’amahoro, ikibanza c’ingenzi kibereye kandi no gushiramwo imitahe.

Umukuru w’urwego ruriko ruratunganya iryo higanwa ryimirije kubera i Lome, mu kwezi kwa Gitugutu 2014, Frédérick TSATSU, akavuga ko ata nkeka ko ayo mahiganwa agiye gushika ku ntumbero bihaye kuko arimwo ibihangange vy’incabwenge vy’akarorero.

Tubibutse ko umwigeme yatahukanye intsinzi y’umwigeme wa mbere mwiza muri Afrika, yari yatowe mu mwaka w’i 2013 kugira aserukire Afrika mu mwaka w’i 2014, ari Miss Alexandrine Yawa Hantz.


Mariella Bukuru

Messages

  • Twizere ko uyu mwaka azoba ari umurundikazi.none uyu mwerekanye yabaye uwambere 2013 arusha ubwiza twa twamikazi two kumutanga na kiriri???Tutibagiye kinanira na ngagara? uratira agashambara uze wirabire.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.