Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amahinguriro y’amamesa atubahiriza ibidukikije agiye kwugarwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > Amahinguriro y’amamesa atubahiriza ibidukikije agiye kwugarwa

Amahinguriro y’amamesa atubahiriza ibidukikije agiye kwugarwa

lundi 29 Mukakaro 2013

Amahinguriro amwe amwe y’amavuta y’amamesa ntiyubahiriza ibidukikije. Imicafu iva mu bigazi itabwa mu nzuzi. Ivyo rero bica bitera kwonona ibidukikije. Ni nayo mpamvu bariko barugara ama izine akora amavuta atubahiriza ibidukikije.

Ikigazi ni igiterwa dusanga muri komine Rumonge. Bigaca bituma habaho amahinguriro menshi akora ayo mavuta y’amamesa.
Jean de Dieu Mutabazi, umuyobozi mukuru w’ikigo gihingura amavuta mu Burundi yamenyesheje ko ubwo buyobozi bwakoranije abantu bose bakora muri ico gisata c’amavuta kugira ibikorwa vyo kuyahingura bijane no gukingira ibidukikije.
Guta imicafu mu nzuzi zica zija kwisuka mu kiyaga Tanganyika birica ibinyabuzima biri muri ico kiyaga.

Abasanzwe barongoye ayo mahinguriro basabwe ko bokwimba ibinogo baza barisharamwo imicafu ivuye muri ayo mahinguriro akora amavuta. Iyo micafu ikaba ariyo ica ikorwamwo umwavu.

Mutabazi Jean de Dieu, umuyobozi mukuru ’ikigo gihingura amavuta mu Burundi abandanya amenyesha ko bamaze kwugara ama izine agera ku bice 10 kw’ijana mu gutangura iryo sekeza ryo gukingira ibidukikije. Ubuyobozi bukuru bujejwe ivyo guhingura ayo mavuta y’amamesa bibutsa ko badashobora kwemera ko ikiyaga Tanganyika kiba aho babika ubucafu.

Ni nayo mpamvu ayo mahinguriro adakurikiza gukingira ibidukikije azotangishwa ihadabu y’ amafaranga ibihumbi mirongo itanu.

Mu ntumbero yo kuduza umwimbu w’amamesa, Leta y’Uburundi ifashijwe n’ishirahamwe ry’abanyaburaya iriko irahindura ibigazi bifise imyaka 25 biri ku ma hegitari 3000.
Ubu rero bakaba barongereje aho igiterwa c’ikigazi gishobora guterwa. Ni mu ntara za Rutana, Ruyigi, Cankuzo hamwe na Kirundo.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.