IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Amashure 700 niyo buca yubakwa mu makomine 73

Amashure 700 niyo buca yubakwa mu makomine 73

vendredi 14 Ruhuhuma 2014

Amasezerano yo gufasha ubushikiranganji bw’amashure matomato n’ayisumbuye mu kwubaka amashure mu makomine 73 niyo yateweko umukono hagati y’ubwo bushikiranganji hamwe n’abasanzwe bafasha Uburundi.

Nk’uko bimenyeshwa na muganga Rose Gahiro asanzwe arongoye ubushikiranganji bw’amashure matomato n’ayisumbuye, amenyesha ko ayo masezerano yo kuronsa amakomine 73 amashure, aje gufasha mu mugambi wa Reta w’ishure nshingiro. amakomine 30 akaba ariyo azotangura kwubaka amashure, ariko uwo mugambi wose muri rusangi, ukaba uraba amakomine 73 yo mu Burundi, bagategekanya kuzubaka amashure agera 700, ayo nayo akaba azotwara imiriyaridi zirenga 20 z’amarundi.

Amakomine rero akaba ariyo azironderera abubaka ayo mashure, kandi agakurikirana yonyene uko ibikorwa biriko biragenda nk’uko bibandanya bishikirizwa na Rose Gahiru umushikiranganji w’amashure matomato. Tukabamenyesha ko uyo mugambi wo kurwiza amashure mu makomine, uje mu gihe hari aho abanyeshure biga bicaranyeko kubera ubwinshi bwabo, n’ubukene bw’amashure, ahandi naho ugasanga batagira intebe, ibirasi bidakwije amategeko n’izindi ngorane zitandukanye ziri muri ico gisata c’indero.


Aristide Nizigire

Messages

  • N’umugambi mwiza wo guteza imbere igihugu muga nagomba guterera iciyumviro: igih twiga secondaire hari ibintu twize muma cahier muga tutigeze tubona(amashure nta laboratoire yaba afise) peut-etre ko yaba twaragize ama pratique twari kuhabonera ama talon yandi dufise,muga reka tuvuge ivy ´ubu,ecol fondamentaleko yaje benshi bazokwiga imyuga, nibaza ko bo kwubaka AMASHURE MEZA kandi y’ukuri ari bien EQUIPE bizo gira ingaruka nziza , ku banyeshure bazohiga kuko bazovayo bari specialisé bashobora nabo nyene gutangura carriere nziza bugurure ama atelier yabo bahe akazi abandi bongere batange n’amakori, turavye iyo financemen izo kwubaka ayo mashure 700 ,ucusanga hazovamwo udushure duto duto atakigenda abafise uburyo bazoguma baja kwiga hanze kubera ngaha atakizoba cahindutse, reka tugire bike muga vya qualité,bo convertisa nka amafranga bo kwubatse utwo dushure 600 bakayashira mu kubaka amashure 3 muga manini manini kandi akwije les condition, nkarya aba belge basize bubats(université du burundi canke nkirya bakunda kwita kwi college) ama infrastructurenkayo aratanga na image yuko har ´ico dufise kinini mu burundi. Murakoze nongeye gushimira abashikirangaji bitanze kugira i projet nkiyo ikorwe hamwe naba bayeur bose bitanze. Murakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.