Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ban Ki Moon: Amazi ashobora kurenga inkombe ku kibazo ca Korea - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ban Ki Moon: Amazi ashobora kurenga inkombe ku kibazo ca Korea

Ban Ki Moon: Amazi ashobora kurenga inkombe ku kibazo ca Korea

mercredi 10 Ndamukiza 2013

Amajambo ya Korea ya Ruguru yatumye ababanyi bamera magabo.Umunyamabanga mukuru wa ONU Ban Ki Moon yagabishije avuga ko amazi ashobora kurenga inkombe ku kibazo hagati ya Korea zompi.

Yasubiye gusaba Korea ya Ruguru gusubiza hasi amajambo yayo y’agasomborotso kandi yongere igume yuguruye akarere k’amahinguriro bahuriramwo na Korea y’epfo.

Avugira i Roma mu Butaliano Ban Ki Moon yavuze ko ikintu cose coba kubera uguharura nabi canke ukwihenda cotuma ibintu bigera kure.

Korea ya ruguru yasavye abanyamahanga bakora mu mashirahamwe yo hanze hamwe n’ingenzi muri Korea y’Epfo kuva muri ico gihugu ku neza y’umutekano wabo.
Itororokanirizo ry’amakuru rya Korea ya Ruguru KCNA ryavuze ko ritifuza ko abanyamahanga bogira ico baba hamwe intambara yoramuka yadutse.

Hagati aho Ubuyapani bwamenyesheje ko bwashize ivyuma bitegera za missile hagati mu murwa mukuru Tokyo bikazokoreshwa mu kurasa ibisasu vyose bizoba bitumbereye ikirere cabwo.

Abanyekorea ya Ruguru uno munsi ntibitavye akazi mu karere k’amahinguriro gasangiwe na Korea zompi ka Gaesong, ivyo bikaba bihagaritse kimwe mu bimenyetso bike vy’ugufashanya hagati y’ibihugu vyompi.Aho Gaesong hakora abanye Korea ya Ruguru barenga ibihumbi 50.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.