Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bujumbura : Amakara yabaye umuzi w’ibuye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Bujumbura : Amakara yabaye umuzi w’ibuye

Bujumbura : Amakara yabaye umuzi w’ibuye

mercredi 29 Nzero 2014

Abarangura, abacururuza n’abagura amakara mu gisagara ca Bujumbura bose bafise ingorane kuko ayo makara ntakiboneka, makeyi abonetse arazimvye.

Ikara risigaye ari nk’umuzi w’ibuye mu gisagara ca Bujumbura. Uri abaturira amakara, uri abayarangura bayakura mu ntara zo mu gihugu hagati, uri abayarangura ashitse mu gisagara ca Bujumbura, uri abayagura baja kuyatekesha imfungurwa, bose baraganya. None ivyo biva kuki? vyoba ari ibiti bivamwo ayo makara vyabuze?canke ikindi giki?

Bamwe mu bakora urwo rudazwa bo muri Komine Musaga babuze imbwa n’imbwebwe. Odette Barantandikiye n’umwe mu badandaza 7 bari kw’ibarabara rya mbere ryo muri Komine Musaga barangura bakongera bakadandaza amakara. Uwo mupfasoni yahora arangura ya modoka bita «Fuso» yose. Avugako idaherutse kuyamuzanira, abajije uwahora ayamusanza mu kibanza iwe, yamwishuyeko igipolisi cafashe imodoka z’ubwoko bwa «Fuso», abo bagirijwe kugira bimwe bita «mauvais chargement». Uko Odette yabisiguriwe ntiyabitahuye, wewe avugako hatagiye izo modoka nini kuzana ayo makara, ntoyi zigiye bituma azimba cane kuko zizana imifuko mike kandi igitoro kiguma ari ca kindi.

JPEG - 35.1 ko
Odetta Barantandikiye adandaza amakara

Odetta abandanya amenyeshako umufuko wahora ku mahera y’amarundi 40.000 ubu ugeze ku 50.000, ati :«ndetse kuzimba, nayo azimvye agiye kubura». Mu kibanza uwo mudandaza akoreramwo hasigaye imifuko 5,kandi ntayindi yimirije kuronka. Mu bibanza 7 biri kuri iryo barabara amakara adandarizwamwo hakora hasigaye 2 gusa.

Abayagura bararira, baraganya kuko akagopo kahora ku mahera 500 uno munsi kagurwa 1000, ari mu minsi mikeyi azobura atagihindutse. Abo bose basaba reta kworohereza abazana ayo makara kuko bitabaye uko ntakibuza n’uwaronse utwo afungura azobura ivyo atekesha.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.