Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amakenga ku rupfu rwa Datus Nshimirimana yahora ajejwe ingendo za Rwasa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Amakenga ku rupfu rwa Datus Nshimirimana yahora ajejwe ingendo za Rwasa (...)

Amakenga ku rupfu rwa Datus Nshimirimana yahora ajejwe ingendo za Rwasa Agathon

mercredi 14 Rusama 2014

Urupfu rwa Datus Nshimirimana, umunywanyi wa FNL ya Agathon Rwasa asanzwe yari na somambike wiwe rubonekamwo igipfungu cinshi. N’aho amatohoza akiriko arakorwa, amakenga ni menshi kuri urwo rupfu rw’uwo munywanyi yagandaguwe abanje kunyuruzwa, bakamusigira ivyo yari afise vyose harimwo n’amafaranga y’agaciro (dollars).

Nshimirimana Datus yari umunywanyi wa FNL, ishami riyobowe na Rwasa Agathon, akaba kandi yari ajejwe ingendo za Rwasa Agathon (chargé de protocole), nk’uko twabibwiwe n’umwe mubagize umurwi w’abantu umunani bariko bagerageza gusubiza hamwe amashami abiri ya FNL, aho mukamenya ko n’umuhisi Datus Nshimirimana yarimwo.
Amakuru dukura kubari begereye uwo nyakwigendera amenyesha ko yabonanye na Rwasa Agathon ku rugo iwe, bakaba bavanye nk’igihe c’isaha cumi na zibiri n’iminota mirongo ine z’umugoroba. Yavuze ko agiye kubonana n’abantu atashoboye kuvuga abaribo. Urupfu rwiwe rwameyekanye nk’isaha zibiri z’ijoro, bikavugwa ko yoba yanyurujwe n’abantu bamutegereye avuye aho ku rugo rwa Rwasa Agathon, bakamujana muri muri quartier Gisandema ya kabiri, muri komine Gihosha, ari naho yagandaguriwe n’abantu bataramenyekana, bakoresheje inkoho yo mu bwoko bwa pistolet bamurasishije mu mutwe. None ko yahora aba mu Kanyosha, ariko akaba yiciwe mu Gihosha, abo bantu boba bamubwirije gufata inzira itagenda iyo ataha? Umuhisi Datus Nshimirimana yoba yaratabaje ko ayo masaha haba hameze nk’ahakibona? Ikiboneka kimwe n’uko abo bamugandaguye batari abasuma, kuko ibintu vyose yari afise babimusigiye (imidoka, amafaranga y’agaciro, ngendanwa n’ibindi).

Datus Nshimirimana ntiyari somambike wa Rwasa Agathon gusa, kuko bivugwa ko n’aho ataroye mw’ishamba, abarwanyi ba FNL ikiri umuhari niwe yabavuza bakomeretse, akaba kandi ariwe yahunganye umupfasoni wa Rwasa Agathon, baragumana gushika umunsi atahuka, akaba mbere ariwe yanamuherekeje agarutse mu gihugu. Datus Nshimirimana, matora yo mu mwaka w’2010 yari ku rutonde rw’inama mpanuzwajambo ya komine Rugazi, intara ya Bubanza asanzwe avukamwo. Yari kandi no ku rutonde rw’abakenguzamateka b’i Bubanza umugambwe FNL wari watanze. Amakuru akiri ayo gutohoza avuga ko hoba hari umugambi wo kuvuga ko Datus Nshimirimana yoba yari asigaye akorera urwego rw’igendereza, kugira urupfu rwiwe rwagirizwe umugambwe FNL uyobowe na Rwasa Agathon.

Umuhisi Datus Nshimirimana yahora aba muri komine Kanyosha, akaba yatwawe kwicirwa muri quartier Gisandema ya kabiri, muri komine Gihosha. Asize abana babiri n’umupfakazi nyina w’izo mpfuvyi. Ni umututsi avuka mu ntara ya Bubanza.


Egide Nduwimana

Messages

  • Mbega ubwoba bw,amatora.Igihe har,ivyiyumviro mureka gushirako ariko abatukana mukabishirako ukuri kwamye.Ndabajije imyaka Abahutu bamaze mw,ishamba abandi bagapfa yamaz,iki?ubu nibangahe bamaze gupfa kuva 2005 hatwara Abahutu?Bicwa nabande?Abatutsi baguma begeranya ayo masanamu bereka amakungu kugira ya genocide baririmba yemerwe ejo muzombwira ko mutazoherera i lahe mwese.Rengera amaronko nibibatandukanya musimbe imitego.Umututsi akubwira ngo ica urya muhutu numwansi wawe waheza kumwica akagutanga muri sentare.Rwasa s,umwansi w,umuntu numwe ahubwo ubwoba niwo mwansi wanyu.

  • ariko ga yemwe ntibabona kubwicanyi ari bubi kweri! Honyene nibikoko bitagira ubwenge ntivyicana nkeswe abantu bitwa ngo barize ariko dusumbwe ubwenge nibikoko kweri! Yemwe ndadamwe!

  • iyomigambwe igendaibana amashami bazakumarana

  • Ewe "Bumwe" wari ukwiye guhindura ukitwa "Macakubiri" kuko ivyo uvuga biraturira gusa. Ha guhanura ngo ubwicanyi babuhebe uti umututsi akubwira ngo ica urya muhutu ni umwansi wawe. Aho abo bahutu birirwa baricwa ni abatutsi babicisha??? Urambabaje cane.Ikindi naco abatutsi nibo basemerera berekana abishwe ahubwo nibaba aribo babigira wari ukwiye gushima kubona bavugira abariko barahonywa ata mvo n’imwe ihari yo kubisigura. Va buzimu uje i buntu nta bwoko bwica hica intwaro mbi. Gira amahoro.

  • Ayo namaraso ya banyamulenge aliko abakorako. Kandi bizobandanya gushika na Rwasa hamwe na Habimana Pasteur bapfuye nabo nyene. Amen

  • Ewe BUMWE .urantwegeje kouri umuhutu ?none ko wibaza ko ari abatutsi bahenda abandi bahutu ngo bicane ??reka twemere ko umuhutu wumu DD ari mubi tureke gupfana abAtutsi nayo umuhutu wu mu DD ntacagura akora ikimuje mumutwe nibigugu ntakindi nakubwira

  • Ndashimiye uwo yiyise izina ryanje kumbure ahora abona ivyiyumviro nterera ubu agashaka kuryiyitirira ngo abihindure.ariko urambabaje kuko ivyo vyarataye igihe kwiyitirira izina ry,uwundi ufise iciyumviro uracemanga.jewe ngira nti umwicanyi ntagira ubwoko canke umugambwe kuko bukeye interets zanyu zirabacanishamwo.umusi mwiza

  • Urupfu guyu mugabo rurimwo igipfungu cinshi. Abahutu mukwiye kuraba neza ubundiho mushobora gusanga harimwo imikino myinshi. Kiretseko abahutu Bamwe bamwe ivyo kwiyumvira ntubabwire. Ariko muribuka neza urupfu Rwa Bucana Na Gatabazi muri za 90? Ivyakurikiye nimikino yarimwo abazi ubwenge barazi ico mvuga

  • Imana ibafashe mwese iyo nindamupfa

  • Ivyo biramenyerewe muri FNL guhora btotezwa kandi ataco bazira.SAFISHA yatwaye aba FNL abangana gute? ubunaho niba batanguye kunyuruza no kwica indongozi murumvako amazi yaerenze inkombe.AGATHON uraba maso naho ubundi niew barondera.Gusenga no kwinginga Imana abe arivyo ushira imbere.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.