IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > Amakenga ni menshi ku bakozi ba Ucom na Econet bashobora kwirukanwa

Amakenga ni menshi ku bakozi ba Ucom na Econet bashobora kwirukanwa

mardi 24 Ruhuhuma 2015, par Egide N

Sendika y’abakozi b’ishirahamwe Ucom ry’ugutumatumanako amakuru yamenyesheje mu rwandiko yasohoye, ko bamwe mu bakozi ba Ucom na Econet nibirukanwa, amategeko atazoba yubahirijwe, kuko ubutunzi bw’iryo shirahamwe bwifashe neza. Muri iyo sendika bavuga ko abakozi b’iryo shirahamwe bamwe bashobora kwirukanwa amategeko atubahirijwe bivuye kuri Ucom iheruka kugurwa na Econet.

Ibiganiro vy’ukugura Ucom vyatanguye kuva mu ntango z’umwaka w’2014, bikaba vyaheze muri Munyonyo 2014 nyene. Naho ibiganiro vyaheze, amakenga ni menshi ku bakozi bagera kw’ijana na mirongo ibiri ba Ucom na Econet bashobora guca birukanwa.

Sendika SYTCOM (Syndicat des Travailleurs de UCOM Burundi) imenyesha ko yasavye kuja guharanira inyungu z’abakozi muri ivyo biganiro, ariko ikaba itigeze yemererwa. Mu gihe abo bakozi bashobora kwirukanya, sendika SYTCOM bamenyesha ko amategeko atazoba yubahirijwe, kuko ubutunzi bw’iryo shirahamwe Ucom bwifashe neza, kandi ko iryo shirahamwe ryaheruka kuronka uruhusha rw’ugukorera mu Burundi imyaka 20.

Iyo sendika ivuga ko itazokwemera ko amategeko ahonyangwa mu bijanye n’akazi mu Burundi canke muri iryo shirahamwe, bakamenyesha ko iyo ngingo y’ukwirukana abo bakozi idahagaze, ko bazokoresha uburyo bahabwa n’amategeko mu guharanira uburenganzira bw’umukozi.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.