Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amakungu yateye ivyatsi ibibera mu Misiri - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amakungu yateye ivyatsi ibibera mu Misiri

Amakungu yateye ivyatsi ibibera mu Misiri

jeudi 15 Myandagaro 2013

Ishirahamwe mpuzamakungu ryifatanije n’ibindi bihugu mu guter’ivyatsi ugutana mu mitwe hagati y’abasirikare n’abashigikiye Morsi mu Misiri. Ibiharuro bitangwa vy’abapfuye biranyuranye cane.

Umugambwe Muslim Brotherhood wemeza kw’abagera ku bihumbi bibiri bahasize ubuzima. Ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu bwemeza ko hapfuye 149 mu gihugu cose, bukavuga ko abarenga gato 1400 aribo bakomeretse. Mu kanya gaheze, icegera c’umushikiranganji wa mbere Mohammed El Baradei yatangaje ko atanze imihoho muri leta nfatakibanza.

Amakuru ya BBC Gahuzamiryango avuga ko hashinzwe kandi amategeko y’umukwabu kuva kuri uno mugoroba, uzomara ukwezi. Ishirahamwe mpuzamakungu, n’ibindi bihugu hirya no hino kw’isi vyateye ivyatsi iyo migumuko. Umuvugizi wo mu biro vy’umukuru w’igihugu muri Leta zunzubumwe za Amerika, Josh Earnest yavuze ko ar’intambwe ibasubiza inyuma muri demokarasi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.