Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amamese meza kandi azimbutse - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Amamese meza kandi azimbutse

Amamese meza kandi azimbutse

samedi 8 Ruheshi 2013

Amavuta y’amamesa ni amwe mu bintu bizwi cane ko bigurwa muri komine Mpanda intara ya Bubanza. Abadandaza benshi bava mu gisagara ca bujumbura barayirukira cane baja kuyagura.

Barayashimira cane akanovera kayo, kuko aba yakorewe ngaho nyene kandi ngo n’igiciro ni gito cane ugerereranije nayakorera mu ntara. Iyo uciye ku musenyi muri komine Mpanda usangayo abakenyezi benshi n’abagabo badandaza amamesa hamwe n’ingunguru canke amabidon yuzuye amamesa. Ariko abadandaza ayo mavuta sibo bayakora kandi nabo bayakora sibo bayarima. Bivugwa ko urudandazwa rw’amavuta y’amamesa rukurikira umugozi w’abarima ibigazi, abayakora, abayadandaza aho hose kugira bashike kuri ya mamesa akoze neza.

Aho ntitwokwibagira kandi ko ibigazi bishobora kuvamwo ayo mavuta y’amamesa, ibigazi aho biheza bikavamwo amasabuni canke ivyokurya vy’inka, ingurube, inkoko n’ibindi. Iyo hageze kuvuga ukungene ayo mavuta akorwa uwuyakora twavuganye yatumenyeshejeko ibinazi bimeze neza vyeze bishobora kuvamwo macupa atatu y’amavuta y’amamesa. Iryo cupa rikaba rifise ubwaguke bugera ku masantiritiro 72. Iryo rero rikagurishwa hagati y’amafranga 1000 na 1300 iyo yabuze. BivugWa ko iyo ibigazi vyeze bimeze neza ari mu gihe cavyo ,icupa rirashobora kugurwa amafranga 900.

Umukenyezi adandaza ayo mavuta yavuze ko ibiciro bishobora guhinduka kuko ayo mavuta yo ku Musenyi aremerwa cane, bica bituma ashobora kuba make mu bihe bimwe bimwe. Ubu akaba ajanwa no kugurishwa muzindi ntara. Ntitwokwibagira ko n’ibihugu bibanyi barahurumbira nabonyene ayo mavuta, bigaca bituma rimwe na rimwe ayo mavuta abura kandi akongera akanazimba. Ibiciro biherutse vyo kw’igenekerezo rya 18 Rusama ayo mavuta yagurishwa amhera 1500 canke arenga. Mu gisagara ca Bujumbura, amavuta y’amamesa yo ku Musenyi usanga avanze n’ayandi mavuta nk’akarorero ayo mu Rumonge aho abayarya benshi batayakunda.

Ni nayo mpamvu abantu benshi bakunda kuja kugurira aho basanzwe bayakorera. Mu ncamake, urudandazwa rw’amavuta y’amamesa birafise akarusho kanini ku badandaza kuko asanzwe afungurwa mu gihugu cose. Ikigazi n’igiti gitanga ivyamwa vyaco mu mwaka wose bica bituma amavuta avamawo akorwa kandi akongera akadandazwa mu mwaka wose. Bica bifasha abo bakenyezi gushobora kwifasha mu vyankenerwa vya misi yose .


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.