IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Amasanamu "Photos" y’urwaruka rwagirizwa gukora imyimenyerezo ya gisirikare (...)

Amasanamu "Photos" y’urwaruka rwagirizwa gukora imyimenyerezo ya gisirikare i Kiliba

mardi 13 Rusama 2014

Umukuru w’ishirahamwe APRODH, Petero Karaveri Mbonimpa yarerekanye amwe mu masanamu y’urwaruka rw’Uburundi bivugwa ko ruriko ruragira imyimenyerezo ya gisirikare mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.

Petero Karaveri Mbonimpa yerekanye ayo masanamu (photos) mu ntahe yo kuri uwu wa mbere, aho yamaze amasaha ane ariko abazwa n’inyamiramabi ku bivugwa ko hari imisore y’abarundi iriko ikorera imyimenyerezo ya gisirikare mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, i Kiliba Ondes.
Petero Karaveri Mbonimpa yerekanye amafoto ya bamwe muri iyo misore bikaboneka ko iri mu myimenyerezo ya gisirikare, hamwe n’ayandi yerekana bamwe muribo bagandaguwe.

Amwe muri ayo masanamu (photos)


Egide Nduwimana

Messages

  • Uravye ayo masanamu ugasoma n’izo nkuru uko zanditswe, nk’umuntu ataco abiziko kandi adahengamye, ntubona neza aho vyabereye n’igihe vyabereyko. Bishobora kuba arivyo, ashobora kuba ari amasanamu ya kera, bishoboka no kuba ari ivy’ahandi hantu atari kiriba ondes. Abo bantu ntawoshoka yemeza ko ari abrundi uretse uwavyiboneye.
    Ariko rero hamwe vyoba arivyo, umuntu yokwibaza ati intumbero ni iyihe? uburundi buriko buraja he? Ejo hasa gute? canke ubuzima bw’umuntu bufise ikihe banza?

  • Mbe abarundi tumeze gute?kuki dukunda intambara niyo yatugejej.turarushe.abohereza nabashaka inyunguzabo.ariko ugiye kuraba abenshi ntabana babo usangamwo,bibereye hanze.

  • Mbonimpa, je mbona uri "Mandela" w’i Burundi kabisa!
    waje ukenewe.

  • Gutekinika ubanza Mbonimpa ari kubyigishwana Kagame!!!! Nibamubohendabona atazi nibyo avuga . Mwese ni mushakishe kuri internet M23. Murabona amafoto y’abo bicanyi bishwe n’ingabo za Congo umwaka ushize. Umunyururuwo ntabwo Mbonimpa azawukira!!!!

  • Babantu baguma baharira ngaha ngosivyo ngo simbonerakure jewe umwe murayomafoto ndamuzi numucivile wumu DD turabana umuryango wiwe waruziko ari gukora muri zambie ntihagire uwusubira guharira mwabicanyimwe ibinywamaraso mwe atakindi murya ,amaraso ,inyama zabantu

  • no vuga abobagabo bitwa bande ? bavuka hehe ? dusabe kugira babazwe cane cane imidyango yabo uwuvuze ngo arazi umwe muraba navuge izina dyiwe nase nanyina nagacimboro avukamwo amahanga yose amenye ivyo bimwenyi

  • Konkomeza ndababaza none nabokwande? Nikihekintu carekana kwara barundi? canke bigakwirasanira bonyenubwabo? kwigakurasa bivamwo imivyimba? Ndababwiye vyabananiye nicogituma ahomuhereza kwerekana ukwokudambikanya murasomerwa kandi namwe nihomuzocamubona komwiheze.

  • UMUNTU YATANZE AYO MAFOTO IS VERY SILY AHO I KIRIBA BIKAMENYA ABANYAGIHUGU ABASODA BARETA ATAVYO BAZI NONE MUSHAKA KUVUGAKO KONGO ITAGIRA IPEREREZA?HAGAPFA ABANTU NKABO BBC NTIBIMENYE,RADIO OKAPI IGAHORA.BARUNDI MURARABA NEZA OTHER SIDE EVERY ONE NI UMUGENOSIDERI AHA IWACU NGO HATANGWA INKOHO.NGO IMBONERAKURE ZICA ABASODA.NGO ZIHOHOTERA ABANYAGIHUGU,NGO UBU NAHO NGO ZISHITSE IKONGO KWIGA IGISODA.BARUNDI MUBIKURIKIRANIRE HAFI BIRIMWAMAHINYU.OK ICOROSHE BISHWE NA BANDE?HARI KUWAKANGAHE UKWEZI’ITARIKI UMWAKA.HAKIRI NI NYWELE AND EVERY ONE HAS

  • kubisanzwe urya mugabo clavre arimwo amanyu mwibuk ko mur 2011 yakoze mntage ngo hari umu général yitwa moise yari muri congo agomba kurwanya leta,yazanye numuzungukazi yitwa simonnet abimufashemwo,jew mboneye mengo nabariko bifatisha amafoto,ibiziga navyo ni irementanya nkuko yama,mb ko ari leta ya congo ari monusco ari abo kwa NZABAMPEMA ko atanumwe yabivuze boba bakubiswe n’inkba!nzobandora ni umwana w’umurundi.

  • Abarundi ngra nti2bona aho isi igz ngo n’inka zubu ntizikigwana inkoho irica ntikiza duk8y kurazwa ishinga nuko Uburundi buba nkuko abarundi babukunda bashaka hamw n’incuti zabwo.

  • Oya vraiment iyo foto y’abapfuye yatanguye gukoreshwa muri Octobre 2013 aho urugamba rwari rukomyeye hagati ya M23 na FARDC!!! Oyayeeeeeee!!! Iyo foto siyo kabisa Mbonimpa nareke kuturagira kuko nti turi inka!!!

  • Ni agahomeramunwa nukuri!Imana irakwiye gukorera ibitangaro abarundi,ikagaragaza abo batuma ubwo bwicanyi bwaka indaro mubanyagihugu biyiciwe nakigoyi!Iabobantu Imana ibaharire bakoricobatazi!!

  • jewe ndibaza ko igikwiye ari uko ubutungane bwokora bwigenga hanyuma bukamucira urubanza ataho bwegamiye, yagiriwe n’icaha agahanwa hisunzwe amatageko, atakuraba ico yamaze avant, kandi vyongeye ataguhengama. Tureke kuvuga ivyo twishakiye vyose kuko izi messages zisomwa n’abantu benshi kw’isi, dukoreshe ubwenge, ntiduhengamire kuri Mbonimpa canke ngo duhengamire kuri Leta. Nayo ivyo kwambara impuzu z’icatsi kibisi tous les vendredi (vyavuzwe n’abamuvugira) vyo simbona ico vyomara kuko abari mu gasho nibenshi kandi harimwo abazira ubusa, twohava dusanga twambaye amabara mesnhi tukabura n’ingene tuyatandukanya.

  • jewe mbona ko claver mbonimpa yo rekurwa akaburana y’idegemvya.

  • mukwemeza canke guhakana ivyayo masanamu, ntiturabe inyungu za bamwe n’abandi kuko bishobora kuzana ingaruka gushika niyo tutaziga.leta ya kongo yo ntaco irabivugako ko bibera kubutaka bwayo?kugira umuco uboneke kurusha urya yanditse ngo harabo yamenye, ko atatanze umwidondoro ukwiye w’abapfuye ngo nabiwabo bahebure? haraho dukinisha ibibinyabwonko twibazango ntibifasha muguturira canke mukuzimya, kandi bisanzwe bizwiko umurizo w’ imbeba uremera wumye.

  • Imbonerakure nivyo zarakoze iyo myimenyerezo kuko bamwe mubavuyeyo baravyivugira

  • umushikiranganji w’amagara y’abantu n’ukurwanya ikiza ruhonya nganda SIDA yosaba ikigongwe imiryango yabuze ababo bivuye kwibura ry’amaraso,abarundi bose;atari uko naho agatanga imihoho atagahato.Reta Yategerezwa gukora uko ishoboye kugira ntibize bisubire mu gihugu c’Uburundi.

  • nbeganone ivyobiriho muburundi?

  • emwendumiwe!ntaconumvanovuga

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.