IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Amasendika arabeshuza ivyashikirijwe n’umushikiranganji w’akazi ka (...)

Amasendika arabeshuza ivyashikirijwe n’umushikiranganji w’akazi ka Reta

samedi 11 Nzero 2014

Abahurikiye muri sendika CONAPES na STEB barabeshuza ivyashikirijwe n’umushikiranganji w’akazi ka Reta Annociate Sendazirasa ko ama sendika ariyo yatumye umugambi wo kunganisha imishahara utaja mu ngiro.

Mu gihe umushikiranganji w’abakozi ba Reta yamenyesheje ko umugambi wo kunganisha imishahara wari kuba watanguye mu mwaka uheze w’2013 ariko utakunze aho mbere yagiriza ama sendika kuba ariyo yabaye intambamyi kuri uwo mugambi, Emmanuel Mashandari arongoye Sendika CONAPES avuga ko ku bwabo banse icegeranyo c’umuhinga, kuko carimwo utunenge tutari duke.
Nk’uko bivugwa na Emmanuel Mashandari, ntivyumvikana ingene nk’akarorero mubo bita abafasha, uwufise impamyabushobozi y’imyaka itatu ya kaminuza yoronka umushahara umwe n’uwo bita umu D4. Akandi kanenge kari muri ico cegeranyo c’umuhinga, n’uko ataharuye icerekeye uburambe mu kazi. Ayo masendika rero amenyesha ko atumva ingene umuntu amaze umwaka umwe mu kazi yoronka umushahara umwe n’uwumaze imyaka itandatu.

Emmanuel Mashandari, co kimwe na Eularie Nibizi arongoye Sendika STEB bavuga ko batangazwa cane n’imvugo y’umushikiranganji w’abakozi ba Reta Annonciate Sendazirasa, kuko yihindukiza mw’ijambo. Mbere kw’igenekerezo rya 5 Ndamukiza, umushikiranganji Sendazirasa yari yarashimye cane igikorwa cakozwe n’abanyamasendika kuko batandukanije impamyabushobozi n’uburambe, hamwe no gukuraho amafaranga atangwa muri mutuelle, mbere uwo mushikiranganji yari yiyemereye ko muri icegeranyo harimwo amakosa atari make aho nawe nyene yoba atari yashimye ibiri muri ico cegeranyo nk’uko bibandanya bivugwa na Emmanuel Mashandari.

Kubw’ayo masendika rero umushikiranganji ariko araburagiza yongera aha intumbero itariyo Reta. Eularie Nibizi we avuga ko ari ugushaka guteranya abigisha n’ababarongoye, hamwe na Reta. Basaba rero ko bobaha umwanya babisigure neza.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.