IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Amasendika y’abigisha ararahira ko atazotanga amanota y’igice ca (...)

Amasendika y’abigisha ararahira ko atazotanga amanota y’igice ca kabiri

jeudi 12 Ntwarante 2015, par IGIHE

Amasendika ahurikiyemwo abigisha amenyesha ko ingingo yo kudatanga amanota y’igice ca kabiri ari ntabanduka, hamwe Reta y’ Uburundi itokuraho bwa busumbasumbane bw’imishahahara, nk’uko bishikirizwa na Emmanuel Mashandari arongoye sendika CONAPES.

JPEG - 26.3 ko
Emmanuel Mashandari arongoye sendika CONAPES

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kuri uno wa kane, abo bigisha bahurikiye mu masendika STEB, SLEB , SYNAPEP na CONAPES, bararahira bakarengwa ko batazogenda batanze amanota y’igice ca kabiri c’umwaka w’ishure, kuko Reta yagumye yirengagiza kwumviriza ibibazo vyabo, na cane cane ikijanye n’ubusumbasumbane bw’imishahara. Ku cerekeye ko abana nabo bashinzwe aribo bariko barwa mu mporera , Emmanuel Mashandari agira ati:’’ ntiduhana abanyeshure kuko amategeko araturekurira gukora yegereyegere iyo harivyo tutahuje n’abakoresha’’.

Abo bigisha bavuga ko iminsi yose Reta yama yemera ibintu ariko ntiyigere ibishira mu ngiro, bavuga ko bipfuza ko imishahara yoharurwa hakurikije amategeko. Kuko bitumvikana ingene umushahara w’umwe usumbana n’uwo bakorana canke uwukora mu kindi gisata, igituma umushahara munaka ku rupapuro rw’umutsindo kanaka idasa. Ayo masendika y’abigisha avuga ko bashaka kurwanya ico kintu c’uko bamwe bafashwe neza abandi nabo bagafatwa nabi.


Floxella Karire

Messages

  • Enda NiBabafat Nk Abandi.Abasirikare,abaganga Bimeze Neza.Ntibize Aho Abigisha Bize?Abarundi Bat:[umusaz Umuvura Amaso Bwaca Akayagukanurira].Ngabo Murabahindutse Aribo Babashikanye Kungoma. None N’est Pas Une Source Educative@instructive?Ayez Conscience Sur Eux.

  • ha nbese ivyubu biragoye.ni babatunganirize kuko ni bene burundi agashahara bafata nakare nti kobatunga ni bishire mukibanza cabo nakare n,ijambo ry,imana rirabivuga ngo ico utifuza ko bagukorera nawe ntukagikorere uwundi

  • ha nbese ivyubu biragoye.ni babatunganirize kuko ni bene burundi agashahara bafata nakare nti kobatunga ni bishire mukibanza cabo nakare n,ijambo ry,imana rirabivuga ngo ico utifuza ko bagukorera nawe ntukagikorere uwundi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.