Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amaserano y’urudandazwa rw’ibirwanisho bicira umuriro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amaserano y’urudandazwa rw’ibirwanisho bicira umuriro

Amaserano y’urudandazwa rw’ibirwanisho bicira umuriro

lundi 18 Ntwarante 2013

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU n’amashirahamwe ategamiye ama Leta baripfuza gushiraho isezarano ryamaho rihuza ibihugu kubijanye n’urudandaza rw’ibirwanisho.

Guhera kuri uno munsi igenekerezo rya 18 gushika igenekerezo rya 28 Ntwarante, Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryatanguje ikiganiro kidasanzwe mu nama mpuzamakungu kuvyerekeye urudandazwa rw’ibirwanisho (TCA; Traité sur la Commercialisation des Armes).

Inyuma y’amasezerano yo mu kwezi kwa Mukakaro 2012 kw’umwaka uheze yahuje izo mpande zibiri,ubu amaso yose ahanze Leta zunze ubumwe za Amerika.

Ku munota ku munota kw’isi yose,abantu bashika hafi babiri baricwa n’ibirwanisho bicira umuriro. Ari nayo mpamvu ibihugu bihurikiye mw’ishirahamwe mpuzamakungu, bifashijwe n’amashirahamwe menshi ategamiye ama Leta, akora kuva imyaka mugushiraho no kwemeza amasezerano yerekeye urudandazwa rw’ibirwanisho bicira umuriro (TCA).

Intumbero y’ayo masezerano ni u gushiraho isoko iteye imbere ingana n’imiliyaridi 1500 z’ama dolari y’abanyamerika ku mwaka no guhingura ibirwanisho bicira umuriro bingana imiriyoni munani ku munsi.

Kugira ngo iryo sezerano ryemerwe, hategekenijwe ko ibihugu bitandatu vya mbere bikora ibirwanisho, arivyo Leta zunze ubumwa za Amerika,Uburusiya,Ubushinwa,Ubufaransa,Ubudagi n’Ubwongereza bija hamwe bikumvikana kuvyanditswe.

Mu kwezi kwa Mukakaro 2012, ibihugu bitari bike muri bimwe 193 n’amashirahamwe ategamiye ama Leta bikoraniye i New York,vyasa n’ibishitse ku mwumvikano ariko bidaharuye Volte-face y’i Washington iminsi ibiri imbere y’uko inama ihera, bica vyiganwa na Moscou,Pekin na New Delhi.

Haheze indwi zine uwo mwumvikano ubaye, iyemezwa ry’ayo masezerano hagati y’ibihugu ryaciye ryegezwa mu mpera z’umwaka w’2013.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.