Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amasezerano y’ingurane n’ibanki ZEP - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Amasezerano y’ingurane n’ibanki ZEP

Amasezerano y’ingurane n’ibanki ZEP

mardi 14 Rusama 2013

Ibanki ZEP n’umugambi Backbone System wo mu Burundi barateye umukono ku masezerano y’ingurane y’amafaranga y’amadolare ku miliyoni 13, 267,058

Kubwa Tabu Abdallah Manirakiza, umushikiranganji w’ikigega ca Leta, iyo ngurane izokoreshwa mu guteza imbere ubuhinga bwo gutumatumanako amakuru, abanyagihugu bakaba bazoharonkera akunguko kuko ibiciro bizogabanuka bimwe biboneka.

Umushikiranganji Tabu Abdallah Manirakiza asaba abanyamitahe gutangura kwiyumvira imigambi bokora kuko mu mpera z’uyu mwaka turimwo, mu gihugu nka hose hazoba hamaze gutanguzwa ubwo buhinga.

Tabu Abdallah Manirakiza abandanya amenyesha ko uwo mugambi uzoranguka mu bice bibiri, igice ca mbere muri Ruheshi umwaka w’2013, ica kabiri naco mu mpera z’umwaka. Kazoba kabaye akaryo k’amashirahamwe n’amahinguriro ko kwiteza imbere.

David Easum, Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe BBS arakenguruka utwigoro tw’abafashije batandukanye, amenyesha kandi ko iyo ngurane uzokwishurwa mu myaka cumi iri imbere, ku kunguko k’ibice icenda kw’ijana 9%


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.