Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amasezerano y’ubuguzi y’akataraboneka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amasezerano y’ubuguzi y’akataraboneka

Amasezerano y’ubuguzi y’akataraboneka

lundi 18 Ntwarante 2013

Indege ninini 234 nizo zasinyiwe mu masezerano y’ubuguzi hagati y’ishirahamwe ry’Iburaya n’irindi ryo muri Endoneziya.

Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 18 Ntwarante 2013, ishirahamwe rya Buraya rikora indege z’ingenzi Air Bus, ryasabwe n’ishirahamwe ryo muri Endoneziya ritwara abantu n’ibintu Lion Air, gukora indege 234 ku kiguzi c’amafaranga y’amanyaburaya angana imiriyaridi 18,4.

JPEG - 6.5 ko

Ni imboneka rimwe kuri iryo shirahamwe rikorera mu Bufaransa, kubona rironka umuguzi ashaka indege zingana n’ico gitigiri. Ayo masazerano hagati y’ayo mashirahamwe akaba yasinyiwe mu nyubakwa zikoreramwo umukuru w’igihugu c’Ubufaransa ahitwa Champs-Elysée. Izo ndege zifise ubushobozi bwo kwunguruza abantu bari hagati y’107 n’ 220 kuri imwe imwe.

JPEG - 6.4 ko

Ayo masezerano avugako indege 109 zizoba zatanzwe mu mwaka w’2014. Izo nazo zikaba ari izifise ubuhinga busanzwe, iryo shirahamwe ryahora rikora. Izindi 65 zikazotangwa mu mwaka w’2016. Izi nazo zizoba zikozwe mu buhinga bushasha bugabanura ukwonona ibidukikije. Ikorwa ryizo ndege rizoronsa ubuzi abantu bagera ku bihumbi bitanu (5 000) mu myaka cumi iri imbere.

JPEG - 10.7 ko

François Holland, umukuru w’igihugu c’u Bufaransa yarashimye cane ayo masezerano. Asigurako ayo masezerano aje gukomeza ubucuti hagati y’amashirahamwe ajanye n’ivyindege ku mugabane wa Buraya n’uwa Aziya.


Luc Noel Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.