Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amasezerano yo gukorana hagati y’amashirahamwe abiri yo muri Afrika (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Amasezerano yo gukorana hagati y’amashirahamwe abiri yo muri Afrika (...)

Amasezerano yo gukorana hagati y’amashirahamwe abiri yo muri Afrika y’ubuseruko

samedi 13 Mukakaro 2013

Amashirahamwe abiri yo mu karere ka Afrika y’ubuseruko yaraye atanguye icese amasezerano yo gukorera hamwe kuva ku mugoroba wo ku munsi w’ejo kuwa gatanu.

UBUCOM, ishirahamwe rimaze imyaka ibiri gusa rikorera mu Burundi ryashimye kwunga ubucuti na BOOTH EXTRUSIONS rimaze imyaka irenga mirongo itatu mu bikorwa vyo guhingura imiryango, amadirisha, ububati vya kijambere bakoresheje aluminium.

Ayo mashirahamwe yompi akamenyesha ko bashimye kwunga ubucuti kuko basanze bakoreye hamwe botezana imbere kandi bagashimisha ababitura.
Uwuserukira ishirahamwe BOOTH EXTRUSIONS ryo mu gihugu ca Kenya yamenyesheje ko ashimishwa no kubona bazanye ubuhinga bwabo mu Burundi, asaba n’ayandi mashirahamwe yo mu karere ka Afrika y’ubuseruko kumenyera gukorera hamwe mu ntumbero yo guhanahana ubumenyi no kumenyekanisha ibikorwa vyabo.

Mu ntumbero yo gukahiriza ubwenge abakozi babo n’abandi bose bipfuza kwiga imyuga, muri iryo shirahamwe BOOTH EXTRUSIONS ryo muri Kenya bamenyesheje ko bagiye kwugurura ishure ry’imyuga rizofasha gutanga ubumenyi mu buhinga bwo gukoresha Aluminium


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.