IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Bob Rugurika yajanywe mw’ibohero rikuru rya Mpimba

Bob Rugurika yajanywe mw’ibohero rikuru rya Mpimba

mardi 20 Nzero 2015

Amasaha hafi ariko ararenga indwi Bob Rugurika ariko arumvirizwa n’icariho c’umushikirizamanza mu gisagara ca Bujumbura Emmanuel Nkurikiye hafashwe ingingo yo kumujana mw’ibohero rikuru rya Mpimba.

Bob Rugurika umukuru w’iradiyo ijwi ry’abanyagihugu RPA akaba yatanguye kumenyeshwa ko yarengutse nk’umumenyeshamakuru, ivyiyamirijwe n’abamuburanira Lambert Nigarura na Jean Bosco Ngendakuriyo, kuko bavuga ko Bob Rugurika ari umuyobozi w’iyo radiyo, kandi yarengutse nk’umuyobozi. Bobo Rugurika rero akaba yahatswe kurekurwa nk’uko tubishikirizwa na mugenzi wacu ariko akurikirana urwo rubanza. Cherif Nkeshimana akaba yabariye ikinyamakuru IGIHE ko Bob Rugurika umuyobozi w’iradiyo ijwi ry’abanyagihugu RPA, yaciye yagirizwa ko yafadikanije n’abicanyi, ko ndetse ari nawe abakingira.

Ivyo vyaha akaba yavyagirijwe mu gihe amatohoza iyo radiyo yakoze, yerekanye ko bamwe mu bakozi b’igendereza bafashijwe n’uwahoze arongoye igendereza Adolphe Nshimirimana hamwe n’abandi nk’umuporisi yitwa Ayubu aribo bateguye ubwicanyi bwahitanye ababikira batatu b’abatariyanokazi.

Mukamenya ko aho ari muri parake y’igisagara ca Bujumbura abatari bake baje kumushigikira, harimwo abaserukira ibihugu vyabo, abari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike, abamenyeshamakuru bo mu Burundi n’abo mu bindi bihugu. Bob Rugurika rero akaba ajanywe mw’ibohero rya Mpimba n’umuduga w’igiporisi kuri uyu wa 20 Nzero igihe c’isaha 11 zibura iminota umunani. Abari aho bakaba bakubiswe n’inkuba babonye yurijwe umuduga agiye, aho bamwe mu banyagihugu bakoroye amosozi, abandi bata induru ku munwa.


Aristide Nizigire

Messages

  • - Amaraso yabarya ba BIKIRA ariko aravuga , rindira muze murabe umuvumo IMANA izorungika mu mugambwe CNDD FDD

    - Ntamuntu yica abasaza nkabarya ngo IMANA ibireke uko!!!

    - Aho gufata uwo mwicanyi Adolphe ? Nabo babikoranye bariko bafata inzira karengane
    - Mes CHERS JUGES DU PARQUETS VOUS N’AVEZ PAS HONTE, urashobora kuba warize Droit ukemera gukoreshwa nabantu nkabo Adolphe et consorts..., vous allez regretter ,,vous vous ridiculisez ,, vous avez vendu vos âmes
    - VOUS MERITEZ AUSSI VOUS AUSSI D’ETRE JUGES?? Uko nukutugarira ubwenge

  • ewe ba dd, murabaga mwifasha! ko mubwigwa ntimwumve, mugahanugwa bikabaca inyuma y’amatwi, ni akamuna. Ngo "UGUTWI KW’IMPENE KWUMVA KWOKEJE", na dd izokwumva yaravuye ku ntwaro. aho mugira mumushire ataco azira, azovayo ariko mweho mwa bicanyi mwe nimwajayo muzoherayo.Bayi bayi !!!

  • IMANA NTIYEMERA AKARENGANYO,KANDI MURIKUMWE IVYO BAKORA VYOSE.
    YEZU AKUGUMIZEKO IBIGANZA VYIWE.

  • barashisha nkinyama yinuka bizo hera ntamvura idahita.

  • Muramaramaje Abarundi turababaye kubwanyu Imana igirize guhora amaraso yinzira karengane. Burya mwoba muzi ko musigaje amezi make cane dd irabahenda cane baba abatuma guca iza ngondagonde yaba mwebwe bahenda mushigaje igihe gito cane nagomba ndababwire yuko kuva kera Imana yamye yanka ubucamanza bubi n’ubutegetsi bubi muje mubitabo vy’Imana murabe sauli Imana yarase ingoma yiwe kuko atakoze ukwigomba iyihereza Dawidi murabe Nebukadineza nabandi nabandi ivyo ndibaza ko vyobaha icirwa rero turababaye cane kubwanyu mwitege nkivyabaye murio Burkina faso ibiriko biraba muri congo natwe tuzosenga Mpaka Imana ibakuye kungoma turababaye.............. Abarundi!

  • aboba dd hamwe nubwobutungane bwabo harahobibaza yuko uburundi aritongo ryabase nabanyina mbega ivyobakora ntibabona kwarikwisuzuguza jewe gusa muzobandabir igihe bavuyekubwobutegetsi iyobazoca banyegera mbega ahobashira abandi bobo ntibazohaja imana yodutizamagara twobiraba

  • Murareka kwama mwiyita abasenzi, mukora ibiterasoni nk ivyo. kwama murenganya abantu, mubatoteza, ataco mubaziza. Ivyo mukora uwobibakorera mworyoherwa?uwobikorera abana Banyu, mworyoherwa? Nimwikebuke, ataraho naho, murindiriye kubona amahano menshi.
    Sois fort Bob, umwansi agucira icobo, Imana ikagucira icanzo

  • uko nakagaye kabatutsi bamwe bwmwe nabahutu batagira umutima bagaya intwaro rusangi.ubu igihugu be ninzego nyinshi zirimwo aba cinquante.ivyo ko opposition nama radiyo murwanda batabigira mu ? kagame numugabo yarashize discipline mu banyagihugu

  • Wawundi ngo inkoni yakubise mukeba urayirenza urugo mumaguru masha.burakeye uruhugi ruhindukirire imbwa.

  • ntimwibaze ko tutabibona mwa ba DD mwe, umusi twaje muzotubona, Imana ntiyoreka uburundi butwagwe nimbwebwe...

  • Birababaje cane kubona igihugu gitukishijwe n’abari kucubahiriza.Ndababwize ukuri "IGIHUGU CAMBUWE UBUTUNGANE KIBA CIMBIWE ICOBO." Ivyo umwami wa mbere w’uwuburundi Rufuku Rwafukuye uburundi yari abizi ( 15è siècle) .None au 21è siècle abatware bacu ni kuki batavyumva? Ivyari vyo vyose barafise ivyo biyotsa kubona bubabahuka uyo muyobozi wa RPA kandi inkuru atanga ari iz’ukuri.None ko bamupfunze nibatubwire ukuri kw’abishe barya babikira.Abarundi barakeneye ko intahe ikubita mu gahanga abicanyi ba GATUMBA, KU BIZIGA VYABONETSE MU KIYAGA RWERU, MANIRUMVA, ....Sinon reka turindire bahave vyose bizomenyekana kandi bamenye ko amaraso basesa azobahumira

  • NANJE NOVUGANTI AMAZINA YA ADOLPH NA BUNYONI SIYOGUFA GUKINISHA KUKO ARIBO BASHAYUYE UBURUNDI BUGEZE KURE MURI 1993. NIMUBE MUKINA NABOMUNGANA KANDI NGO UWUBUZE UWOBAKINA AKINA NA .................................................

  • Urazikobibabaje kubona witwa kuhagarikiye iradiyo ukayireka igatoromboka bigeze hariya imyaka imyaka nimyaniko igahera ataragira icuhindura bikageranaho bibonekako bikorwa mukagagazo?

  • HAHAHAHAHAHA GATANGA IRAFASGWEHOHOHOHOHO MPIMBA OYE; UWUZOWATSA BAZOWUMUZIMIRIZA KO. BONESHA MURI 2010 YAKORESHEJE RUVAKUKI NONE UBUNAHO RPA NGO IGIRA IKORESHE BOB NA INARUME SINDUHIJE HIHIHIHIHIHIHI MBAYE NKAWAWUNDI NGO UWUZOTERA INTAMBARA NTANTABWE AZODUTERANA IRYAVUZWE RIRATASHE

  • HAHAHAHAHAHA GATANGA IRAFASGWEHOHOHOHOHO MPIMBA OYE; UWUZOWATSA BAZOWUMUZIMIRIZA KO. BONESHA MURI 2010 YAKORESHEJE RUVAKUKI NONE UBUNAHO RPA NGO IGIRA IKORESHE BOB NA INARUME SINDUHIJE HIHIHIHIHIHIHI MBAYE NKAWAWUNDI NGO UWUZOTERA INTAMBARA NTANTABWE AZODUTERANA IRYAVUZWE RIRATASHE

  • RPA NA SOSIYETE POLITIKE SIVILE INTAMBARA YOKURWANYA CNDD FDD NTAYO MUZOSHOBORA KIRETSE KO MUHAKWA KUZOYIGWAMWO. MUKINDA MUGARAMYE MWUBAMA MWAMBARA AMAGUNIRA MUKISIGA IMINYOTA AMATORA AZOGENDA NEZA CANE.

  • umukuru waba roberi bateye mucibitoke bobe rugurika.ariko ashira mungiro ivyo yategetse nashebuja mareshali alexis sinduhije. pole bobe uzotaha focode na aprodh buca baja muri suisse kugusabira kurekurwa yayayayayayayayaya

  • Imisi igiye gushira.ntakabura umusi kuko imana igiye kwiyerekana.

  • Akamaramaza mu Burundi!Mbega yemwe abo bamanza bazogeza rari gucira rubi aberanda mugukingira abicanyi?ariko babikore baziko imana igiye kuza guca izibereye.bacamanza namba mushaka kutazobona amahano rekura iyo ntungane "BOB RUGURIKA".abanyagihugu turababajwe cane n’ihagarikwa ry’uwo mutama.ikibwigwa n’icumva...

  • Akamaramaza mu Burundi!Mbega yemwe abo bamanza bazogeza rari gucira rubi aberanda mugukingira abicanyi?ariko babikore baziko imana igiye kuza guca izibereye.bacamanza namba mushaka kutazobona amahano rekura iyo ntungane "BOB RUGURIKA".abanyagihugu turababajwe cane n’ihagarikwa ry’uwo mutama.ikibwigwa n’icumva...

  • Bob Nakomere Na Mwebwe Ntimucike Intege Murushirize Ho Natwe Tubari Inyuma Menyera Ko Mu Burundi Umunyakuri Baramugwanya Imana Iri mbere Ivyo Bizohinduka

  • POLE SANA BOB!UHORAHO AGIYE KUGUKUZA!USHIKAME USHIRE AMANGA KANDI UKURI UHAGAZEMWO NTUROTE UKUVAMWO!HAMA UKURI KUGIYE GUTSINDA IKINYOMA! ZABURI 101:5. NITWA MBURI,

  • Ewe Burundi urasambuwe n’abokwubatse ariko vraiment! il vaut mieux.... qu’apparaitre sur ecran ou scene dire des enseignents dont la pratique revele juste le contraire! Ingero mu gererako abandi niyo izobagererwako! Uwo mutama azize inkuru ,haguhora ukuri wokuzira il est le Hero! Que Le plus Haut le garde toi RUGURIKA

  • We wiyise amerique urahumba muramaramara ...ntaho aja.......hafashwe Bob si ba BOB ...TURI MASO .....NA leta mporona yara pojeje mwe aba DD MURASANZWEE

  • Jewe ntakintagaje ariko mumezi make DD irambara ibara ndabarahiye izorira atakitabara jewe ndababwira imAna ihorera ahakwisi kandi umuntu wese azokwihora aba dd nukuri,jewe zomushigikira naho ntemera kwihorana uwo bagorikunda wewe aragowe sinzi iyo azohingira azohamba abiwe wenyene aragenda abaze umu colonel yitwa [Gahugu ]

  • Akarimi gasosa kajabutsa inka ku kiraro! Uwobumva muvugira Bobo wogira ngo murazi ko ari umweranda!!! Ko iyo radiyo arongoye yahaye indaro ikanaha ijambo uwo twaraye twumvaise ko yari arongoye igitero co mu cibitoke. Mwovuga muti ntavyo yarazi? Ko amaze kubimenya atahavuye ngo asabe ikigongwe abarundi na canecane abo mu cibitoke? Ahubwo RPA ibazwe uruhara ifise mu kuvugira no gukingira inkozi z’ikibi! Birababaje!!!

  • Turababaye cane,kwumva ko bob Rugurika Mumujanye Mumpimba.Ntamvura Idahita Na Mbonimpa yararekuwe,na bob azorekugwa .muyobozi w’iradiyo yacu rpa.tuguhaye pole pole pole saaana!!imana irakubona.turasavye abafasha uburundi badufashe gukoma akaruru barekure mutama bob muyobozi wiradiyo yacu.nibacebatubwir abishe baba bikira .abo bazi twe twariyumviye umwicanyi.akarenganyo nkaka,kariho ariko twihumurize kagiye kurangira.imana niyo ibizi.murakoze urucira muka so rugahitana nyoko.

  • ABO BA DD NA BABAVUGIRA NKA AMERIKE N ZIZNDI MBWA BARASHIKIRWA N IVYANDITSE MURI PSAUME 108

  • ABO BA DD NA BABAVUGIRA NKA AMERIKE N ZIZNDI MBWA BARASHIKIRWA N IVYANDITSE MURI PSAUME 108

  • Kuri RPA umwicanyi ati:<<umubikira wanyuma agira gatatu(3)nijewe nyene namwigandaguriye>>none ubucamanza bwimukiye kuri RPA?oya ahobwo abicanyi bimukiye kuri RPA bakabashikiriza uko mission yageze.Ubuyobozi bw’iradio bukaca bumubika bukanamukingira ahari akaguma amerewe neza.Wawundi at:Uwuzorukarisha ruzomumwa,nuwuzotanguza intambara izo izoherera munzu yiwe,mbe gahanga wishwe Niki?nishwe nurwa bagabo nawe uzokwicwa n’akarimi kawe.mukinda mugaramye mwicara mwubama amatora azogenda neza caneee........

  • sha birababaje kubona bafata uwugerageje gushira ukuri ahabona.mbe ko uryamwicanyi yatumwe yadondaguye amazina yabo babikoranye nababatumye ntihobanjwe gufatwa abavuzwe muntumbero yukora amatohoza yizewe atanaho yegamiye.mbega yemwe niryari hazohanwa abacumuye aho gufata inzirakarengane mana tabara uburundi

  • Abavuga Nibavuge Ntajoro Ridaca Kandi Ntamvura Idahita Bob Humura Dusenge Kugeza Ah Izovyumva Irimwijuru Kand Amarir Yabantu Bagow Irayabona Rpa Namw Ntimucike Intege Kuko Uwudasinziriye Aba Abona .

  • nama nibaza ko hari inzego zibiri zirekuriwe gukora amakosa ntizikurikiranwe nazo nizoi polIce n ubiutungane ese uwo mucamanza afunze bob yibaza ko abantu tutumva ukuri abo bacamanza nabo mubarabe neza kuko bariko bafasha abo bantu bavuzwe na wawundi bakorana yavugira kuri rpa cunga rero ico abo bacamanza bagamije bishobotse nabo bafatwe ntibitwazwe akazi mukuyovya ukuri kuko nabo sibigirwamana babe bamenya ko abantu tutari ibijuju kandi abacamanza nkabo ntabo dushaka

  • nama nibaza ko hari inzego zibiri zirekuriwe gukora amakosa ntizikurikiranwe nazo nizoi polIce n ubiutungane ese uwo mucamanza afunze bob yibaza ko abantu tutumva ukuri abo bacamanza nabo mubarabe neza kuko bariko bafasha abo bantu bavuzwe na wawundi bakorana yavugira kuri rpa cunga rero ico abo bacamanza bagamije bishobotse nabo bafatwe ntibitwazwe akazi mukuyovya ukuri kuko nabo sibigirwamana babe bamenya ko abantu tutari ibijuju kandi abacamanza nkabo ntabo dushaka

  • nama nibaza ko hari inzego zibiri zirekuriwe gukora amakosa ntizikurikiranwe nazo nizoi polIce n ubiutungane ese uwo mucamanza afunze bob yibaza ko abantu tutumva ukuri abo bacamanza nabo mubarabe neza kuko bariko bafasha abo bantu bavuzwe na wawundi bakorana yavugira kuri rpa cunga rero ico abo bacamanza bagamije bishobotse nabo bafatwe ntibitwazwe akazi mukuyovya ukuri kuko nabo sibigirwamana babe bamenya ko abantu tutari ibijuju kandi abacamanza nkabo ntabo dushaka

  • Imana ishira hasi abishira hejuru igakura Abanyakuri n’abari ku cavu izogaragaza izo mva ziyeza inyuma imbere ari ibore.Je suis Bob RUGURIKA

  • Kudahana imbwa bigwiza imisega!! Mwarahinyutse sha..

  • nukuri ndashimye cane ukuntu kuri RPA mugandaye kabiri!!!!!!mugwesero muracagandaye !!! nokuri bobo muragandaye m
    uzopfa murushe!!!

  • hahaha ok ndahojeje Rpa !!!!! murondere uturirimbo twinshi kuko ndabona ko atazovayo ejo naho arintama huhuhu mutware mutamena karibu mugwesero!!!!

  • Rindira aho bukera baramwagiriza ko ariwe yakoze igitero co mu Cibitoke.Chez les dd kugira amanyanga canke kurementanya nivyo babayemwo. Gufunga Bob ntibituma NKURUNZIZA bamwongera mandat ya gatatu, gusa dans le jargo cnddien ca s- appelle GUKOMESHA. Ku rubanza rwa Bob tous les ambassadeurs accredites a buja etaient la(Arakomeye peeee). Ubu dd ihejeje yo nyene ubwayo kwita muri erreur, ce gouvernement corrompu et vieissant doit partir kuko turarushe avec ces dictacteurs ataco bibanga.Demain Bagorikunda affichera les noms des journalistes ET DES RESPONSABLES DE LA SOCITE CIVILE BURUNDAISE qui ont heberge le chef des rebelles YOUSSOUF.Le laboratoire cndd- fdd fonctionne actuellement 24 h sur 24 mais sans consultant ntavyo bazoshobora kuko, ico bateguye kirafatwa car ils ne savent mm pas mentir kuko nokubesha bisaba ubwenge.D-autres burundais rejoindront Bob kuko bategerezwa kwihora ntibova kubutegetsi badakoreye ikibi uwo wese ataborohereje mu manyanga yabo.Ndasavye abarundi dushigikirane turwanye abitwaza igikenye mugushaka kwigira utumana two kwisi

  • BOB humura ba rwankabiyago baramye ariko ya MANA yabohora yosefu,igakiza ba chaduraka mwtanure ryumuriro,igatabara daniel murwob rw,intabwe mwibazak mumpimba itahashika!???ak nakambar kibara intwaro yihaye ariko ntaco ukuri kuzoteb gutsinde!!pol muvukany kaza roho!!!

  • BOB wihangane Imana iri hejuru kand abarundi baba nyakuri turinyuma yaw...

  • Niyerekane’uyoyivugirako’yushabobabikira hanyum’ubutunganelbukore atemwerekanyenaho’rizob’arirementanya ubutungane’nibukore.

  • ntamvura idahita bob rugurika Imana itakubona

  • Muragize neza gufata iyo nyankaburundi ngo ni Bob yari tarigize inzu yamabuye!mbe yibaza ko igihugu yogisatagura nkuko inda yigira mwikareso?! Ndanezerewe cane ahubwo nutwo dusoma amakuru nka kiramvu araturira nawe akwiye kumukurikira barakagenda ubusa!bafashe igihugu bibaza ntandongozi gifise.ndanezerewece uwo wese ababaye nafate umutwe akubite kwibuye maze yereke ijuru umukondo

  • Kuva iy’isi iva ikagera inkozi z’ikibi zirahanwa rero ngatangazwa n’abantu bibaza ko hari abarengeye ubutungane teshwa mute intumbero yanyu nugusambura igihugu muvuga ayamuhe bob mureke abazwe Hama niyera azorekurwa ntanumwe yovuga ivyoyishakaye bihungabanya umutekano ngo bamusasire indava ateranye acanishemwo Hama dukome amashi twoba turi imburakimazi kira noneho kirimw’abagabo nta sinkorwako oya ivyo vyarataye igihe

  • TURASAVYE KO HOBONEKA ABANTU BATATAMIKWA IJAMBO BAGIRA AMATOHOZA KUBISHE BARYA BABIKIRA ,BAGIRIRE ADN baryabantu Bose bavuzwe muri burya bwicanyi.Hama UKURI KUJE AHABONA UFUNGWA RWA BOBO NTIRYIJANE UKURI KUJE AHABONA .NAHO YO BA NDE YABITEGUYE AFATWE .TURIFUZA KO IYINTWARO YIMIKOSHI KUBURUNDI YOTUVAKO HAKAZA BASHASHA .

  • Iyo Ntama Yacu Bob Izovayo .Nta Mvura Idahita

  • jew nibazako abobanyamategeko bakoreshwa igihe intahe izosubirana ijambo nukubakurikirana nabo bakaja mumpimba.

  • Mupfunze Bob R ntimupfunze ba Bob R !!!!Aba DD baratay umutwe kweli!!!! Low education, confused all times, depressed, we need to get rid of those bitches!!!! What hell are they doing!!!! They are curse to our country!!!

  • bantu b’Imana twashaka kuja hamwe twese tugasengera kino gihugu kubera ntanikindi gishobora guhindura amateka mabi y’uburundi atari Imana gusa.Bob rugurika ntimuvuge ngo arekurwe oya ahubwo nimureke kumbure wosanga ariyonzira ishika kugira vyose bije ahagaragara ark iconzi Imana ntizoreka ngo akarenganyo kagume kubantu bayo kuko nzineza ko Imana ivyanka cane knd uwukubagura impfuvyi wese Imana ntizomureka ngo ashishikare kubaho nk’uko abishaka.ndangije mpanura abavuga nk’aho umengo bizeye umwana w’umuntu cnk umugambwe bibuke ko bible ibivuga neza ko abo baba bavumwe.Je suis Bob

  • Mugumyabona,ntabwo uvuze uraneye.those whom u are calling bitches are the ones who are giving u even this freedom of speaking whatever u want.u don’t have to criticise just for criticising.use ur medulla obrongataiuknow what it means and think twice b4 u come here and start writting those nonsense!u are being watched!!!be careful by calling names to other!!!bewarned

  • Wewe uzi aho umwicanyi ari hanyuma ntumuvuge baragupfunga. Reka ahonje Mpimba nawe nyene. Uwo musega !!!

  • BOBO uri intwari, uwutabizi hamwe n’uwutabibona nuko ameze uko nyene ameze. BOBO Ihangane naho uryamye aho adolphe ni mbonerakure ziwe bari kuryama, nta kibi cigeze gitsinda reka ubwo butegetsi bwamye bukora ibidakogwa kugeza naho bwitera bukirasa ataho vyakabonetse.

  • Turiyamirije ubwicanyi n’ububenshi mugihugu cacu. Yezu n’umuvyeyi wacu Bikira Mariya akingire Uburundi Abansi. Abarundi Hindura ingendo mushigikire Amahoro n’Umutekano kuko Intambara n’Umutekano muke Biteringorane benshi. BOBO natange ivyerekana yongere asenge Imana Imusubize umutima w’ubuntu. Imana Isubize ubuntu n’Abarundi batari bake BASHAKA KUGIRA NKAWE N’UGUSESA AMARASO MUBAVUKANYI. Sumurenga!!!!!!!

  • Za murabika izo manza abo baryamanza baza barafutanganya, nihagera igihe intahe izovyuka, izibanze kokera abo nyene. Ni ukuri urwo rwego tutovuga izina rurateje isoni igihugu. none uwasinyiye Bob Rugurika kuja mu mpimba, yaraye asinziriye abona amaja yakoze!, none kubona umuntu yiruka inyuma yuwerekanye inkozi z’ikibi mwumva atari agahomera bunwa. Uwuramvye arabona, aba babakoresha impera n’imperuka bazoshikirwa, ikibabaje nuko ku munsi ku munsi banywa amaraso y’abantu, ariko Imana iri mw’ ijuru yo yayurungikiye YEZU ngo aducungure, abantu bakiri bazima ni muyisenge, izotinda yumve amarira yacu maze igarukire UBURUNDI. Senga Senga senga Imana na YEZU umwana wayo tuzokira, Mana uratwumvira.

  • Aaah; ubu ukurii kugiye kugaragara maze abakoze ayo maraso nabo bamenyekane nako kwica uwahaye ubuzima bwiwe bwose akabuhebera Imana ntaho bitaniye n’ukubamba Yezu k’umusaraba. Bob komera kwibanga Imana niyo izokwishuraUkuri kuzoteba kuje ahabona.

  • ivyiyumviro vyanje naho mutabishiziko; ntaco ariko igishimishije nuko bataye muriyompi mujeri naje hamwe nawamusazi hihihihi

  • ewe dd muri ibijuju ruhebwa aho muzi ko muriko murakomesha n’umusazi atarozwe biraturura agatekereza namwe guhera kumutwe gushika kuwanyura murigito

  • haha ahubw je nasaba ko bokwugar RPA kinyoma. kuko intambara yose izoba izova kuri yo nikuberiki bavuga inkur kand batabitohoje neza nukuvuga ko bakora gusumba ibindi bimenyeshamakuru hama ivyo bavyita gusotora ubutegetsi. mbe nikuberiki ubundi butegetsi bwose bwahaciye mutigeze mwigira ivyo mwigira ahubwo muragayana kweli bob rugurika niyerekane uwo mwicanyi aho yamubitse hama ahanwe kuko uwakoze icaha wese azihanirwa icaha yakoze kugatwe kiwe ariko bareke kwegeka ibintu kubandi. hama we wigira incabwenge ukome ntabwo urusha abandi kuko ubwo ufise haraho wabukuye .

  • ngo ariko asotora ubutegetsi? buri hehe? UUUUUUUA ubwo butegetsi budakingira abanyagihugu bwitwa gute? ubutegetsi bwitera bukIrasa bwonyene bwitwa gute? ubutegetsi butagira polici butegwa n’umusazi akica abantu batatu akagenda bwitwa ngwiki? ubutegetsi butagira iperereza bukarushwa ama tohoza ni RADIO bwitwa ngwiki? Ubutegetsi butagira amategeko nubwahe? ubutegetsi butegwa ni biragi gusa bwitwa gute? ubutegetsi umucamanza atamikwa ijambo nki nkoko itamika umuswi wwe wobwita gute? jewe novugako atabwo ndabarahiye.

  • JE numiwe gusa hanyuma IMANA irakwiye kutugarukira ikaduha abategetsi bafise ibiganza vyera niho twova mwaka karenganyo. President NDADAYE Melchior yahindurye ibohero ishure mu Kirundo, ababo ngo nukwubaka nyabuna amabohero menshi.(d’apres umushikiranganji w’ubucamanza)

  • JE numiwe gusa hanyuma IMANA irakwiye kutugarukira ikaduha abategetsi bafise ibiganza vyera niho twova mwaka karenganyo. President NDADAYE Melchior yahindurye ibohero ishure mu Kirundo, ababo ngo nukwubaka nyabuna amabohero menshi.(d’apres umushikiranganji w’ubucamanza)

  • JE numiwe gusa hanyuma IMANA irakwiye kutugarukira ikaduha abategetsi bafise ibiganza vyera niho twova mwaka karenganyo. President NDADAYE Melchior yahindurye ibohero ishure mu Kirundo, ababo ngo nukwubaka nyabuna amabohero menshi.(d’apres umushikiranganji w’ubucamanza)

  • JE numiwe gusa hanyuma IMANA irakwiye kutugarukira ikaduha abategetsi bafise ibiganza vyera niho twova mwaka karenganyo. President NDADAYE Melchior yahindurye ibohero ishure mu Kirundo, ababo ngo nukwubaka nyabuna amabohero menshi.(d’apres umushikiranganji w’ubucamanza)

  • Birababaje kubona amakuru amwe muyerekana ayandi ntimuyerekane. Il faut que vous montriez votre neutralité et ne pas pencher sur un côté! By the way, uwo yanditse ngo yipfuza intwaro ko ihinduka haze abandi bashasha, wanka uwusura ukazana uwunya. Nuwoza wese azoguma ari amaruru ahubwo njanye nubu. Igihugu gitwarwa numu sage nukuri, ibintu bizohinduka ahubwo nabatemera iyi ntwaro bayemere. C’est vrai agasho ntikaryoshe je ndabizi kandi ntawokwipfuriza uwundi kubabara si vyiza, ariko umwe wese arafise akazi Imana yamuhaye, reka abacamanza bakore. Ivyaha yagirizwa, burya violation du secret de l’instruction na manquement àla solidarité publique ntibimufata? Twiyumvire neza tudahengamye nukuri! Koresha ubwenge Imana yaguhaye wa muntu we ureke kuvuga ayamuhe utabanje kubaza umutima!

  • Wewe wiyita Jeune,ngo abantu baricwa?nihehe mbarira igihugu baticwa?nukuvuga ko ubutegetsi bwaho butagira iperereza?uribuka ivyabaye Norvege?uribuka ibiheruka kuba mubufransa?uribuka ukuntu abanyeshure muri america barasiwe kwishure nubu bakiraswa?wewe urakurikirana ibiba kuriyi si?tekereza sha wewe ntuzi ivyo uriko uvuga.ivyobihugu vyose nta perereza bifise?ngo igihugu cariteye!!ntabafashwe bazovuga akari imurore?ahubwo ntimurarira kuko abateguyekriya gitero very soon barashengezwa.komera bategetsi b’Uburundi murakora ibikora inka mukwiye gushimirwa naho BUrundi defence forces,well done.

  • Imana niyo mucamanza nyakuri kuko iboneka rya Adolphe kuri parquet biragaragaz neza ko afise ico abiziko!Vyongeye ko Rugurika hari amazina menshi yatanze mumatohoza ya RPA ariko bakamusab kuzana uwish uwanyuma kand hari abavuzwe kuva inama y’uwo mugambi ugayitse itangura gutegurwa!nibafate na ba Adolphe berekane ko bashaka kumeny ukuri! Bob Rugurika ntagasimbw numutima ntac azob vyongeye isinzi ry’abarundi rimuri inyuma!amarira y’abantu twari kuri parquet ndemeza ko azohumir abatar bake hama demokarasi,ubutungane kuri bose,ukuri n’iterambere nizo ndoto mfise ko Uburundi ico buzoba muri kazoza gihaye kiboneka!
    @@[0:[0:6: Je suis Bob Rugurika ]]

  • Bob turamushigikiy nakomere ukuri guca muziko ntigusha. kuba bamupfunze naho bitwereka image y’ubutungane b’i Burundi. iyo ubutungane bukora neza agasho nakinkozi z’ikibi nayo iyo bukora nabi bukoreshwa nizo nkozi z’ikibi agasho kakaba akintungane nimvuga kuri. Ariko ivyo bigiye gushira.

  • Ha twari tubizi ko ubucamanza ,atakindi bwovuga ariko Papa narabe icoyovuga kuko nabo muryango wiwe bariko barahera namba reta y,uburundi idashobora kubumviriza i lahe hariho Bobo nitwari yabarundi iki nikibazo cabera Imana tugiharukire.nibamureku. ahubwo murasimba mu Rwanda murabe yuko urya mugangi yagiyeyo kuko amareta afise Urugwara rumwe

  • nôn kuki badashaka gkorera kumatohoza ya bob bagashima kumugumiza mugasho?nibamurekure yitahire hanyuma amatohoza abandanye

  • ati niwihangane kuko abansi bamyeho kuko ngo uraca mumenyo bahekenya

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.