Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amashamba arashushe ku muyobozi w’ikinyamakuru "Charlie Hebdo" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amashamba arashushe ku muyobozi w’ikinyamakuru "Charlie Hebdo"

Amashamba arashushe ku muyobozi w’ikinyamakuru "Charlie Hebdo"

mardi 3 Ruhuhuma 2015, par Egide N

Ghulam Ahmad Bilour yahoze ari umushikiraganji ajejwe ivy’indarayi, mu gihugu ca pakistani yemeye amahera angana n’ibihumbi amajana abiri y’amadorari (200.000 dollars) ku muntu azokwica umurongozi w’ikinyamakuru ’’Charlie Hebdo’’

Ghulam Ahmad Bilour yahoze ari umushikiraganji ajejwe ivy'indarayi, mu gihugu ca pakistani

Amahera angana n’ibihumbi amajana abiri y’amadorari niyo azotangwa n’uwahoze ari umushikiranganji ajejwe iv’yindarayi, wo mu gihugu ca pakistani azwi kw’izina rya Ghulam Ahmad Bilour, ku muntu azokwica uwutwara ikinyamakuru ’’Charlie Hebdo’’. Kubwa Ghulam Ahmad Bilour, ico kimenyeshamakuru co mu gihugu c’Ubufaransa carakoze amakosa akomeye cane, adashobora kwihanganigwa, mu gucapfuza, uwo yise "nyenubweranda, intumwa Mohamed".

Mukibuka ko ikinyamakuru ’’Charlie Hebdo’’ cari giherutse gutegwa n’abihevyi, inyuma yo kuba basohoye igicapo cerekana intumwa Mohamed ariko ararira, ivyo navyo bikaba vyarababaje cane abo mw’idini ya isilamu.


Alida S.

Messages

  • Nanjeuwuzica Adolphe na Bunyoni ndamwemereye inzu yanje ace ajanisha na Kazungu

  • Aba Isilamu barashobora kuba bataramenya ukuri kuvyo bakora nivyo bavuga none Mohamadi niki ? Yesu niki ?iyo abaisilamu bavuze ko Yesu Atari umwana w’Imana abakirisito ntibagwana ariko bivuzwe ko Muhamadi ari umuntu asanzwe intambara zigatangura none ukuri kuri aba bagabo babili ni ukuhe ?Kuvugwa nabi kwa Muhamadi bisesa amaraso kuvugwa nabi kwa Yesu kukazana amahoro,enda nanje nimunyigishe ivya Muhamadi ndabimenye hanyuma menye ukuri aho kuri.Icerekana ko harimwo kutamenya nuko umuntu muzima ashobora gutanga amahera anganuko ngo nayo guhemba uwuzokwica uwundi,ariko ikibabaje uwuzobikora nawe azoca yicwa na yamahera atayariye yewe atanayakozeko,none ubwo bujuju Bungana gute?uwufise inyishu ayimpe.

  • akiranguhe inyishu,uwukora icaha nuwawamubi icete1ca yoh3:8-10ntabara uhasome ntabara uhasome kukovyantwaye umwanya kugira nkuronderere inyishu wasavye iyo nkuronka kuri fc nakubwira vyinshi kuko abondabaziko vyinshi bakunda kandi UHORAHO avyanka

  • Nanje mumpe inyishu............nsha gutembagaza aba DD KANdi ndaka credit uwubakuramwo ndamuhera arashima

  • nishimwe na we vyemere mbese ko mubihindira kubandi murabwira baso ivyo mushaka babiba korere hame bitangurire munzu iwanyu

  • Uwo muntu ashaka gutangamahera yokwica uwurongoye kiriyakinyamakuru comubufrasa Mohamed aciyazuka yomushavuriracane, nkuko mwumva hariho aba Islam beshi nabonyene batemeranya nawe, eregantimubireberekure nababatanze ivyiyumvirongaha bavugango uwomwica Adolph na Bunyoni ngobomuhemba Bandinabongo uwokuraho DD ngobomukiza, ntahobataniye nuriya ahiga uryamukuru wamiriya kinyamakuru, kandababanditse ibivyogushaka kwica ba Adolph, Bunyoni, nokurandura DD sab’Islam!? Ndashaka kubabwirako abakoziba Satani barimumadiniyose.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.