Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Aba mbere batsinze mw’ihiganwa"Ni Hatari" rya Leo na Econet bahawe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > ECONET Leo > Aba mbere batsinze mw’ihiganwa"Ni Hatari" rya Leo na Econet bahawe (...)

Aba mbere batsinze mw’ihiganwa"Ni Hatari" rya Leo na Econet bahawe umuriyoni

vendredi 26 Kigarama 2014

Amashirahamwe Econet na Leo yatanze ubushimwe kuba mbere bahiganywe bagatsinda mw’ihiganwa "Ni Hatari". Abatsinze barashimira ayo mashirahamwe ku ciyumviro co gutanga amahigwe nk’ayo ku banywanyi bayo mw’ihiganwa ritagira akamwana wa mama canke mpinga yanje.

Inyuma y’iminsi mikeyi amashirahamwe Econet na Leo (asigaye akorera hamwe) atanguje ihiganwa "Ni Hatari", aho abanywanyi bayo bashobora kwishura ku bibazo abasumvya amanota abandi bagahabwa ubushimwe buva ku muriyoni w’amahera y’amarundi (1.000.000frbu). Babiri ba mbere bayahawe ku mugaragaro.

Darius NIJIMBERE ni umunyeshuri muri Kaminuza y’Uburundi, ni uwa mbere atsinze mw’ihiganwa "Ni Hatari". Yahiganwe akoresha umuhora wa Leo, kuva kw’igenekerezo rya 23 gushika kurya 24 Kigarama ari naho yaca atsinda. Ahejeje kuronswa ibahasha y’amahera angana umuriyoni w’amarundi, agira ati :" Mpejeje kuronka ubutumwa"sms" buvuga ibijanye n’ihiganwa naciye mpiganwa, haheze iminsi ibiri, nikwo rero kuronka ubutumwa bumbwira ko natsinze, sinumva ukuntu novuga umunezero mfise ariko ndashimiye bivuye ku mutima amashirahamwe Leo na Econet yateguye ihiganwa".

JPEG - 82.7 ko
Darius NIJIMBERE

Uwa kabiri atsindiye umuriyoni w’amarundi ni NKUNDWANABOSE Saleh. Uwo nawe ni umusirikare w’Uburundi, yahiganywe akoresha umuhora wa Econet. Eka nawe nyene arashimira amashirahamwe yateguye iryo higanwa akaronka amahigwe yo gutsindira amahera nk’ayo. Saleh avuga ko ihiganwa rya "Ni Hatari" rikora ata manyanga kuko ata mugenzi canke incuti yoba akora muri ayo mashirahamwe. Yemeza ko yatsinze kubera yatoye ibibazo. Asaba n’ayandi mashirahamwe gukora ibintu bishobora gufasha abanywanyi bayo.

NKUNDWANABENSHI Saleh

Mwomenya ko ihiganwa "Ni Hatari" rizomara ukwezi (kuva kuwa 23 Kigarama 2014 gushika kuwa 23 Nzero 2015). Mu guhiganwa, ubutumwa "Sms"butwara amahera amajana abiri gusa (200frbu). Uwutsinze ku munsi ku munsi atsindira umuriyoni w’amarundi ariko uwuzotsinda kw’igenekerezo ya mbere 01 Nzero 2015 azohabwa imiriyoni zitanu z’amarundi (5million). Kw’igenekerezo rya 23 Nzero 2015, uwuzotsinda azotwara imiriyoni cumi z’amarundi (10millions).


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Ndabaramukije,

    Turabashimiye caane kuri iryo higanwa mwatanguje ritanga akaryo ko gutsindira amahera angana ukwo kwose!

    Ariko kimwe gusa twasaba ni uko botworohereza nko muri Leo, kuko nka jewe maze iminsi ibiri ikurikirana ata message nimwe nshobora kuru ngika, bisigurako ubu ntashobora guhiganwa nk’abandi!

    I nimero yanje ikaba ari 257 79 321 254

    Twasaba ko twese twonganya amahirwe!

    Murakoze.

  • Ndabaramukije;
    ndashima cane ingene econet na leo bama bategura amahiganwa nkaya.Ni hatari yo irarengeje.Nashaka ndabasabe muzoze muravuga uwatsinze namanota yaronse kumusi incuro nka zibiri nka 23hoo zuwo musi na 12hoo zumurango wuwundi musi.Kuko hari igihe umuntu mubivuga aza yaryamye hama ntiyiyumve.MURAKOZE
    NUMERO yanje ni 76950687 canke 79457543.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.