IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Amashirahamwe yasavye ko umutekano wa RPA wokingirwa

Amashirahamwe yasavye ko umutekano wa RPA wokingirwa

mardi 27 Nzero 2015

Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike hamwe n’amashirahamwe y’abamenyeshamakuru yatanguje kuri uwu wa kabiri isekeza ryitiriwe "Uwa kabiri w’urwatsi rubisi (Mardi Vert). Ayo mashirahamwe amenyesha ko atazohengeshanya gusaba irekurwa rya Bob Rugurika, umuyobozi wa RPA, hamwe n’ukuri ku bagandaguye ababikira batatu b’Abatariyanokazi.

Ayo mashirahamwe ariko asaba ukuri kw’igandagurwa ry’ababikira batatu Olga Raschietti w’imyaka 83, Bernadette Boggia w’imyaka 79 hamwe na Lucia Pulici w’imyaka 75 avuga ko ukuri gutegerezwa kumenyekana. Nk’uko vyashikirijwe na Gabriel RUFYIRI, kw’izina ry’ayo mashirahamwe, ubutungane butegerezwa kuvuga imvo zatumye barya babikira bicwa, ababiteguye, umwe ku wundi uruhara yagize rumenyekane, n’ababatumye bashirwe ahabona. Ayo mashirahamwe amenyesha ko atazokwemera ko barya babikira b’Abanyamahanga bogandagurwa, hama kakaba akamizwe n’ingoma. Ayo mashirahamwe arashigikiye ko ukuri kwomenyekana, na Bob Rugurika arongoye RPA akarekurwa.
Ayo mashirahamwe yasavye ko ahakorera insamirizi RPA hokingirwa, hamwe n’abamenyeshamakuru ba RPA bagakingirwa, kuko ayo mashirahamwe yabonye ko insamirizi RPA n’abakozi bayo, bafise ibibazo vy’umutekano.

Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike hamwe n’amashirahamwe y’abamenyeshamakuru yari yishikiye ahakorera RPA mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri, kugira berekane ko bashigikiye abamenyeshamakuru ba RPA, kandi baremeshe Bob Rugurika aho apfungiwe mw’ibohero ry’i Muramvya. Ayo mashirahamwe yasavye abanyagihugu bose bavyipfuza, ko iminsi yose kuwa kabiri, bokwambara impuzu z’urwatsi rubisi canke izifise iryo bara, kugira bibuke umunsi Bob Rugurika yatwarwa mw’ibohero (Mardi Vert).

Bob Rugurika umuyobozi wa RPA akwije iminsi umunani mw’ibohero, akaba akurikiranwako ivyaha bitatu bigizwe n’ukuba ataco yashikirije igihe ubwo bwicanyi bwariko burategurwa (manquement à la solidarité publique), gukorana n’abicanyi (complicité d’assassinat), hamwe n’ugutanga amakuru w’urubanza rukiri mw’itohozwa (Violation du secret de l’instruction). Bob Rugurika yahagaritswe kuwa kabiri igenekerezo rya 20 Nzero 2015, kw’itegeko rya Emmanuel Nkurikiye, icariho c’umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi, akaba asangiye nomero ya dosiye yiwe n’abasanzwe bapfunzwe bakurikiranwako ubwicanyi bw’ababikira batatu b’abatariyanokazi.


Egide Nduwimana

Messages

  • Ahubwo iyo mihimbiri yose ishigikira amafuti ngo ni mardi vert bayihe igiti.nimbamushaka ko amatohoza agende neza kuki umumenysha makuru yanka kuvuga abo bantu yahaye interview abaribo kugira babivugiremubutungane.mbe Bob mwamuhinduye ubutungane bw’uburundi?teshwa mute uburundi ntabwo ari igisaka bufise indongozi namwe nimba mushaka mwambare imyambaro muze kwinjirira cibitoke musange abiwanyu bahateye aho baryamiyeamajanja bashinze ibirindiro mukuzimu.

  • NONE WEWE IHEREZO RYAWE NIRIHE GASHA??KUMBURA MWISUBIREKO GUPFA
    KOKO NI IBISANZWE HAGOWE ABIKOREYE AMARASO Y’ABANA B’IMANA

  • BAREKE BARIKO BICIRA IFARANGA. JEWE NAVUZE NTI NZOKWEMERA KO ARI ABADEMOKARATE BIGIZE BIHOME NKUKO BAMA BAMWAMIZA MUKANWA HAHAHAHAHAHA NIBAKURANWE KURANWE AMEZI ABIRI ABIRI BAJA GUFUNGIRWA I MURAMVYA KUGIRA BATEZURIRE BOB MARLE. NAYO IVYO MUGIRA NAGAHIMBO

  • jewe namanumva ngo bakeneye revolisiyo igeze hehe; ngwemama leta nfata kibanza; ngwemama gusenyura leta nimunye aho mweretswe igihugu kirimwo abagabo

  • mbe wamuhimbiri we unuka hose nawewe bica vyumvikana ko iminwe yawe yuzuye amaraso uragowe imbere y’ imana .Mbe aho uvuga ngo avuge abantu bamuhaye inkuru mushaka muce mumwica nkuko mwama mwebwe bo kwa gahini .None k mwotwotwa amaraso ni mabi nugusinzira ntimugisinzira muguma mubona ibiziga vy’ abakecuru n’ivyinzoya muzopfuko.

  • vyose nivyubusa.mb burya barya babikira bariyish?ushima mu burundi bitagenda neza uwuvuze uwakoze icaha niw aca aronderwa.imvugakuri zose ndazitey integ nizikomer!

  • mwese mwagize commentaire murabajura, mugire mucurubanza? mwabaye rurema? reka imana izobakubitira muri kirya gikoti binyegejemwo

  • Ntakibabaza nkokwumva umuntu avugango jewe ndavuvana nuwishe abantu ngwariko sinshobora kumuvuga!.

  • Leta rero ngoyahenze abarundi namakungu ntamatohoza yakozwe kuri barya babikira, RPA nayo iti nanje irementanya siryo mbuze nzokwigira umwe mubishe ababikira pourvu que opposition na sociéte politico-civile bampa akanoti, emwe ukwo nugutekera amazi murukangaga ubutegetsi ntanarimwe butangirwa muri studio, iyaba kwambara imipira igoroye neza ngo ni vert, hama umuntu akigaramira muri mercedes arivyo bitanga igihugu niyo DD muvuga ntiyopfuye ihonyoye Buja, Dandaza ruvakuki nyene murabeko mworonka uturapports muhendereza abazungu kugira musegereze udufranga, nayo igihugu sicabasegereza nicabiyumvamwo nyarucari kandi kigateza imbere umwana wanyarucari nawe akaja mubureaux nkabandi nawe akubaka akazu i bujumbura, iyo niyo ntwaro twemera, kwira imisozi yose y’uburundi urabe ntamutumba n’umwe ubuze umuntu wokwitura mubatwara igihugu nayo zantwaro zagatsiko tweshwa mute. mu cibitoke ntaco mwabonye, gerageza kwinjirira ahandi murabe, igisoda cariteye iteka, gitera iteka nabaco, ntamusoda ubu akipanze inzu bose baba iwabo, benshi bafise ubuzima burenze kure ubwabandi ba fonctinnaire, kuvuga rero kowobagira igikoresho utwabo ngo tugende ukwo subutu.

  • ariko amacanrya ni mabi!!!gusega kugeza aho ushigikira n’abafis amaraso mu kiganza?ni nd atabonako bobo ariko azira ubusa?kumbura mwikebuk kuko abo muriko musaba ntawuzi puissance yabo igih isigaje.

  • aho sha ndenzakon komera nibabasange babone ico imbwa yaboneye ku mugezi namanyama kuko babona kizigenza abatwara mu mahoro erega yasizwe amavuta sicaduka ubutungane bwiwe nibabureke ni bwiza cane mbe ubwari buari ataraza nibwo bifuza? imana sha yarabudukuyeko turi mumahoro asesuye utayashima naje iyo twayarondereye azane ayiwe turabe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.