Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amasoko Reta itubwira kuja gukoreramwo ibibanza vyaruzuye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Amasoko Reta itubwira kuja gukoreramwo ibibanza vyaruzuye

Amasoko Reta itubwira kuja gukoreramwo ibibanza vyaruzuye

mercredi 8 Nzero 2014

Abadandaza b’ivyamwa n’imboga bo mu mabarabara y’igisagara ca Bujumbura bararahira bakarengwa ko batarota bava muri ayo mabarabara mu gihe ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura butabarondereye ahandi bakorera, kuko ayo masoko ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura bubabwira kuja gukorereramwo aja yaruzuye kera.

Aho twasanze abo badandaza b’ivyamwa n’imboga, bari barerekanye ku jisho n’igiporisi hagati mu gisagara ca Bujumbura.
Abo badandaza baganiriye n’ikinyamakuru IGIHE bamenyesha ko ivy’uko ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura bubasaba ko boja gukorera mu masoko yandi yo muma karitiye bidashoboka, kuko n’abari muri ayo masoko badakwirwa n’ibibanza biriyo.

Abo bakenyezi bavuga ko mu gihe batararonka aho baja gukorera n’ubu bazobandanya baza muri ayo mabarabara kuko badafise ahandi bakorera, kandi ntibari bwemere kwicwa n’inzara. Abo bakenyezi bagiriza kandi Mairie ya Bujumbura kuba yarakoresheje nkunzi mu gutanga ibibanza muri vya bibanza biherutswe kwubakwa, hafi y’ahahora isoko nkuru ya Bujumbura. Abo bakenyezi bataronse ibibanza bavuga ko umunsi bari bagiye kwiyandikisha, basabwa kuririmba ururirimbo ruhayagiza umugambwe CNDD-FDD, rubananiye bagaca bababwira bati : "Nta migisha mufise yo kuronka ikibanza."

Iyindi mvo ibatuma baguma muri ayo mabarabara bahangana n’igiporisi, bavuga ko ari imvo y’umutahe muto. Gurtyo rero bashima kuguma impande yabo baba bamenyeranye bakaza barabaha imyenda. Ic’uko Mairie ibagiriza ko batera umwanda mu gisagara ca Bujumbura, barabihakana, kuko bavuga ko bafise uko biyungunganije mu kugirira isuku aho bakorera, umwe wese aho aba ateretse ibidandazwa, ahubwo bagiriza iyo Mairie kuba ariyo itera uwo mwanda muke, kuko abakozi bayo bakubura, mu nyuma bakavyegeraniriza muri ayo mabarabara.

Abo badandaza bagasaba uburongozi bw’igisagara ca Bujumbura kubaronsa ikibanza co gukoreramwo nk’abandi, nayo ivyo kuja mu yandi masoko bakavuga ko bitagishoboka. Basaba kandi kwerekwa iyo igiporisi gitwara ibidandazwa baba babatse.


Floxella Karire

Messages

  • Nimba batanga ibibanza kubwo Umugambwe, vyoba bibabaje. Mairie, igomba kumenya ko iriho kubera abantu bariho, kandi Mairie igomba kumenya ko ihari kugutunganiriza abantu. None Leta yananiwe n’ukuronsa ikibanza abo bavyeyi. Iki Gisagara naho ari gito, ibibanza vya Leta biriho, aho borondera aho aba bavyeyi bokorera. Mairie yomenya ko aba bavyeyi bagomba kubaho, nkuko nabo babayeho, bo bavunika barondera ikibagaburira nabo bicaye barya ayinjiye muri Leta. Bige iki kibazo, kuko ntivyumvikana.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.