IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amatati ya CNTB na Nyakabeto Justin mu Ngagara

Amatati ya CNTB na Nyakabeto Justin mu Ngagara

mercredi 29 Rusama 2013

Amatati yasubiye kuvyuka hagati y’ishirahamwe CNTB ritatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo mu Burundi, mu gihe Justin Nyakabeto yategerezwa gushikiriza kuri uno musi inzu yaramaze imyaka itari mike, urubanza CNTB yaciye narwo rukaba ruvuga ko iyo nzu ayibamwo adakurikije amategeko, bakamusaba kuyisubiza Kana Stany bavuga ko ariwe yegukira.


Prosper Ndayikeza

Messages

  • Nukuri ibintu biriko bikorerwa urya mutama Nyakabeto atri aghomamunwa,kanatsinda CNTB nta numwe atzi ko ifise intumbero imwe yo kwomora nukwangaza zina muntu wese yitwa umututsi kugira baje mu makambi y’impunzi aho benewabo b’abatutsi bagorewe hanyuma wa mugambi wa Pasteur Mpayimana wa purification yamye afise uje mu ngiro neza.Irya nintango kuko ngo akari inyuma karahinda izindi nzu zirenga ijana zizonyarwa abatutsi ngagara nyene,hanyuma ROHERO.mbega Leta ko vyayinaniye ko isubiza mungo zabo abatutsi bagorewe mu makambi y’impunzi kuva 1993 inyuma yihonyabwoko,ivyabo abhutu bagasambura,amatungo yose bakitwarira,ngagara niho babonye hihuta cane?nuko ariho hasigaye abatutsi ariko igiti kirakurira mu babaji imana iratubona kandi tot ou tard ibintu bizohinduka kuko nta mvura igwa idahita.

  • NUKURI BIRABABAJE GUKURWA MU VYAWE MUGABO NAHO NYAKABETO YOBA YABA MUNZU YABANDI,CNTB YARI KURINDIRA URUBANZA KUKO NYAKABETO IRYA NZU NTIYAYIHAGIYE,NA BNDE YAYIMUGURIYE IBONA KO IKWIJE AMATEGEKO.LETA NYABUNA NIYIHUTE ISHIREHO CA KIGEGA CO GUSHUMBUSHA UWUTAKAJE IVYIWE BITAMUVUYEKO NKUKO ACCORD D’ARUSHA IBIVUGA

  • Tureke ama sentiments. Ivyo bakoze muri 72, bari bazi y’uko bitazohinduka. Tureke amajambo yo guteranya ava muri barya ba porona bagize uruhara runini mu kunyaga. ese mwosasa impapuro zose CNTB yakoreyeko mu guca rurya rubanza, mukagira comparaison n’izo Nyakabeto yatanze. A esperer ko ubu atari twa tu ville mortes mwama mwateguye two kwica abahutu. Ubu mwibaza ko bizoborohera?

  • GUSUBIZA IVYABANDI SIBIBI MU GIHE VYIZWE NEZA BAGASANGA NIVYUKURI MAIS LETA YORABUKUGEN NUWUSUBIJE ADACA YANGAZWA KKO NAWENE ABAGIYE MU BUHUNGIRO KANDI KUMBURE BITAMUVUYEKO.

  • Amacakubiri ntaho ashikana!Igihambaye ni uko bokwirikiza amategeko hanyuma uwanyaze agasubiza(naho bigoye)ariko bikitonderwa kugira ntihagire uwangazwa!
    Ku bwanje nibazako ata muntu yatoye kuba iki canke kiriya!Uri Umuhutu,uri umututsi,ntavyo wahisemwo kuba ico uri!
    Abantu ni bitonde,ubutungane nya butungane bukore hanyuma mureke kuryana ataco mupfa.
    Imana yaremye umuntu,ivy amoko vyazanywe na satani!
    Imana Irinde uburundi icosubira kubuhungabanya.
    Abasenga tubandanye isi irashaje!

  • Intango ya vyose n’abantu bitwa ko bihebeye Imana mugabo bagakora ibibi birengeje abanyavyaha biyerekana. Nkuyo Scorpion ngo ni Serapion mwumvirije imvugo yiwe mwumva hari umwumvikano n’amahoro agombera abarundi n’uburundi?Ntawe ntawa mu Patiri wo mu Rushubi aheruka kugandagura abantu. Arusha iravuga ikigega co gushumbusha abagiye mubitarigwabo babiguze na Leta canke nabandi bantu kandi batazi ko birimwo amatati. Nyakabeto yaguze na BNDE ibanki ya Leta. Nukuvuga ko Leta iriko irasahura abantu kuko idandaje inzu imwe kabiri. Hariho n’umugwi wo kunwanisha abarundi no kuvugisha ukuri Arusha yari yategekanije kugira ubeho kandi imbere yuko CBTB ya Scorpion ibaho, mugabo birirwa barashiraho amategeko n’amasentare aza guha inguvu CNTB, bakongera bakavuga ko Scorpion ari mubantu batatu bariko barakorera neza igihugu. IMANA rugira vyose niyo izoca urubanza kandi atari kera cane.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.