IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amatora atekanye ntashoboka abaharanira agateka ka zina muntu (...)

Amatora atekanye ntashoboka abaharanira agateka ka zina muntu batubahirijwe

lundi 2 Ruhuhuma 2015, par Egide N

Icegeranyo c’ishirahamwe EHAHRDP rijejwe gukingira abaharanira agateka ka zina muntu, cerekana ko abaharanira agateka ka zina muntu mu Burundi babangamiwe imbere y’amezi atatu gusa asigaye kugira Uburundi bwinjire mu matora. Iryo shirahamwe rivuga ko ata gikozwe, amahirwe ari make y’ukuzoja mu matora atekanye, mu mahoro.

EHAHRDP (East and Horn of Africa Human Rights Defenders Project) ni ishirahamwe rikorera mu Burundi, Djibouti, Erythrée, Ethiopie, Kenya, Urwanda, Soudani, Somaliya, Soudan, Tanzanie, na Ouganda. Mu cegeranyo iryo shirahamwe ryasohoye kuri uwu wa mbere, berekanye ingene abaharanira agateka ka zina muntu babangamirwa mu bikorwa vyabo, mu gutumwako mu butungane ntibanasigurirwe imvo, uguterwa ubwoba hamwe n’ugukorwako ibitero. Ico cegeranyo kivuga ko ku mashirahamwe agera kuri 50 baganiriye, basanze mu mwaka w’2014, ubucuti hagati y’abatwara Uburundi n’abaharanira agateka ka zina muntu bwaratitutse cane, bakaba mbere rimwe na rimwe abaharanira agateka ka zina muntu bafatwa "nk’abansi b’igihugu", iyo bashize ahabona ibitagenda neza mu ntwaro, bagaca bafatwa nk’abakorera imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi.

JPEG - 63 ko
Bamwe mubari bitavye ikiganiro c’ugushira ahabona ico cegeranyo

Ico cegeranyo ca EHAHRDP (East and Horn of Africa Human Rights Defenders Project) kiragaruka kandi kw’ihohoterwa n’iterabwoba bikorerwa abamenyeshamakuru, aho bagatanga akarorero k’abamenyeshamakuru batanu bose bakurikiranwe mu butungane kuva muri Ndamukiza 2014, hamwe na Bob Rugurika, umuyobozi wa RPA akwije indwi zibiri ari mw’ibohero.
Iryo shirahamwe riranegura kuba abamenyeshamakuru bategekwa kuvuga aho baba bakuye amakuru, bivuye kw’itegeko rigenga umwuga w’ukumenyeshamakuru rikirimwo utunenge. Ishirahamwe EHAHRDP rigasaba ko iryo tegeko ryotosorwa.

Reta y’Uburundi yibukijwe muri ico cegeranyo ko ariyo ibazwa ubwa mbere umutekano w’abaharanira agateka ka zina muntu, hamwe n’ak’abanyagihugu muri rusangi, igasabwa ko yosuzuma ko abakozi bayo yaba abakorera igendereza, abaporisi, abasirikare, abacamanza n’abandi, ko bubahiriza agateka k’abaharanira agateka ka zina muntu. Amategeko Uburundi bwateyeko umukono mu bijanye n’ukwubahiriza ubwigenge bw’ugushikiriza ivyiyumviro n’amanama yokwubahirizwa, ikigo CNIDH (Commission Natioanale Independante des Droits de l’Homme) kigasabwa gutahura ko umwanya w’amatora ari igihe kitoroshe ku baharanira agateka ka zina muntu, ari naco gituma Reta y’Uburundi, n’amashirahamwe mpuzamakungu, bakwiye gukora ibishoboka vyose bakubahiriza umutekano n’agateka k’abo banyagihugu bitangira abandi.

JPEG - 4.4 Mo
Ico cegeranyo kigizwe n’agatabu k’impapuro 58

Egide Nduwimana

Messages

  • murababwire ayo mashirahamwe ukobashaka ko leta ibafata nikobazofatwa. ahubwo bavuze ko bazoja mwibarabara nko muri burikina faso none mwaje kubashigikira. Murererwa kuko siheza; umuhutu wa1972 siwe wa 1993 kandi umuhutu wa 2005 siwe wa 2015 hahahahahahahahaaaaa reka turindire iyo revolution mwifuza;

  • AHUBWO AYO MASHIRAHAMWE NOYAHANURA KO YORONDERA UMUKUNDIDA WABO AZOHIGANWA NA MWESHIMIWA PETER NKURUNZIZA HAKWIRIRWA BARATERA AKAJAGARI. ICOBASHAKA KIRAZWI ARIKO BAKAWUCANA NTAWURINDIRA KO URANDAGATA OYAAAAAAAAAA NUKUWUBAZIMIRIZAKO.

  • ishirahamwe GLADIS RITWARWA NA SEBUDANDI RYARAYE RIMENYESHEJE KO UMUGAMBWE CNDD FDD UZOTSINDA AMATORA KUMAJWI 62 KWIJANA.

  • Umvawashirahamwewe ndakubwire, amatora yomuri 93 ntiyagenzeneza atamashirahamwe nkayo yabashizibisoni ahabaye? Ndababwirako muriko murabafasha gutanguza imidurimbanyo yokugira amatora ntazogendeneza muntumbero zibiri: Iyambere ngokugira muhinyuze ijambo rimaze kuvumererwa numukuru wigihugu cacu cu Burundi, icakabiri mushaka nukugira mukore iyobwabaye mutwononere amatora kugira muzocemwamamaza kw’Isi yoseko mwarimwarabivuzeko mugihe amashirahamwe yigijijweyo atamatora yogendaneza, ndababwirako namashirahamwe yigizwayo ngaha Burundi murazobironderera ahandi. Ariko icotwobabwira ngaha Burundi ubutwaramazekwipangako umuntu acatsa umuriro nukuwumuzimirizako utararandagata ngusheke kure, kuko twarawuretse uraka mumwaka wa 93 ninyumayaho kuwuzimyavyadutwaye imyakamyishi nabarundi badaharurika. Kuvarero mumwaka wa 2015 tugumatugabirije kuzimya umuriro ahowobuzananye hose, mumwaka wa 2010 twarabonyeko harihabantu basanabashaka kuwaca vyatumwe tutagisinzira umukondorazosi nomugusinzira dusigaye dukuramuranywa. Birambabaza kubona uburundi aribwo buriko burapimirwamwo mubijanye nokurebamo muri Africa democracy na freedom of speech izoshoboka ivyorero twebwe nkabarundi biraduhangayikisha kuwamajambo niyabameshi gusumvya ibikorya vyiterambere. Abantubose ibidakorerwa iwabo bazakubipimira ngaha Burundi ngobarabe kobikunda!.

  • @sihondi levis wesha koko umuhutu wa 1993 siwe wubu 2015 kuko ntiwimutuma kwica abantu,ngo umukuru wugihugu ngo yapfuye???? Ataco yaranamumariye ngo nuko arumuhutu??nta mututsi ntamuhutu,ntamutwa, umukuru wigihugu ari kugatwe kiwe apfa ata pfa ntavyubwoko ??ngaho mureke ashore amatwi,ngo abAhutu bazomutabara,hiiiiiiiiiiiioohuuuiiiiiiiiii

  • Mwe Gaddaf Nta Cigwa Mwamukuyeko Bakwanse Vako Wase Naho Bakwivugana Nta Ba Digiteta Bagikenewe

  • None akarisho kabonetse kuri Libiya kukubera Gaddaf yafuye wotubwira akariko? Ndibaza Ko uhava uvugako habonetse umwanya wogushiraho uyundimukuru wigihugu gusa!?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.