Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amerika : Abasirikare 5 b’aba chinois bafashwe bagirizwa gusuma (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika : Abasirikare 5 b’aba chinois bafashwe bagirizwa gusuma (...)

Amerika : Abasirikare 5 b’aba chinois bafashwe bagirizwa gusuma urusaku

mardi 20 Rusama 2014

Abasirikare batanu baturuka mu gihugu c’Ubushinwa bafatiwe muri Reta zunzubumwe za Amerika bagirijwe kuba basumye urusaku ku mahinguriro atandatu y’abanyamerika.

Umushingwamanza mukuru w’i Washington, Eric Holder yaraye amenyesheje kuri uyu wa mbere wa 19 Rusama 2014 ko bubaye irya mbere muri Reta zunzubumwe za Amerika, bafashe abasumyi b’urusaku baturutse mu gihugu c’Ubushinwa. Abo basumyi b’urusaku akaba ari abasirikare batanu bafashwe bivye amabanga nkoramutima yo mu gisata kiraba ivy’umuyagankuba uva ku zuba n’ihinguriro rikora ivyuma.

Amatohoza yaramaze imyaka myinshi akorwa n’igiporisi ca Reta zunzubumwe za Amerika, yamenyesheje ko abo basirikare b’abashinwa bagirizwa kuba baragize ubusumyi bw’urusaku hagati y’umwaka w’i 2006 gushika mu 2014. Ubusumyi bw’urusaku bagirizwa, akaba aruko bakekwa kuba barashinze muri Reta zunzubumwe za Amerika ihinguriro rinini ry’i Shangai kugira basume urusaku ibikorerwa muri Amerika.

Umushingwamanza mukuru w’i Washington, Eric Holder mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru, akaba atahishije agashavu afise mu kuvuga ko abo basirikare b’abashinwa bagirizwa kwiba amabanga y’ingene bahingura n’ingene bakora, uburyo bwo kudandaza, bwo kugira ubushakashatsi, n’ubwo gucapa (design) muri Reta nzunzubumwe za Amerika kugira babikoreshe mu mahinguriro yabo. Akarorero n’ihinguriro Westinhouse Electric rikora ivy’umuyagankuba ryasumwe urusakuba n’abo basirikire bafashwe, mu gihe Reta zunze ubumwe za Amerika yagire ishireko umukono w’amasezerano wo gukorera hamwe n’Ubushinwa kugira rishinge amahinguriro yayo ane muri ico gihugu.

Mwomenya ko kuruhande rw’Ubushinwa, Reta yaho itemeye ivyagirizi Reta zunze ubumwe za Amerika iyagiriza, igasa ahubwo ko bokwisubira mu kubeshuza iyo nkuru itabanezereje yavuzwe kuko na Amerika itera gusuma urusaku mu bindi bihugu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.