Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amerika : Abasirikare b’abagore beretswe uburyo badashobora kwisokozesha - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Amerika : Abasirikare b’abagore beretswe uburyo badashobora kwisokozesha

Amerika : Abasirikare b’abagore beretswe uburyo badashobora kwisokozesha

jeudi 22 Rusama 2014

Amategeko mashasha y’igisirikare ca Reta Zunze Ubumwe z’Amerika yerekanye bumwe mu buryo bwo kwisokoresha abasirikare b’abakenyezi batemerewe.

Naho mu mategeko ya gisirikare bitarekuriwe kugarariza amategeko yashinzwe, abanyamerikakazi bafise amamuko yo mu mugabane wa Afrika, bavuga ko itegeko ryashinzwe ryo kwisokoza risa niryaje kuvangura abadasangiye urukoba n’imico muri Amerika.
Ikinyamakuru "The Washington Post" kikamenyesha ko iryo tegeko ritomora uburyo bwo kwisokoza ku basirikare b’abakenyezi ryashizwe kumugaragaro kuri uwu wa mbere wa 19 Rusama 2014, rikaba riri mu bwirizwa nimero 670-1.

Umukuru w’ingabo z’abasirikare b’abanyamerika akaba yameyesheje mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, ko iryo tegeko ryo ry’ukwerekana uburyo burekuwe mu kwisokoza ku basirikare b’abakenyezi b’abanyamerika ryafashwe inyuma yo kuvyemeza hamwe n’inzego zibijejwe.
Uwurongoye ingabo za gisirikare muri Amerika akamenyesha ko imvo zatumye hatatwa iyo ngingo ku basirikare b’abakenyezi, ari kubera ukuntu bahora basokoza vyabangamira inkofero bambara bikabatuma batoroherwa mu gukora akazi bajejwe. Igisata kijejwe kuraba inyamabaro n’imigenzo y’umusirikare akaba arico cashinze ayo mategeko.

Mwomenya ko abagera ku bihumbi 10 mubemeje ayo mategeko baciye bayaterako umukono.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.